Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abahinga baratoye igihe imbeba y’intungano yobaho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abahinga baratoye igihe imbeba y’intungano yobaho

Abahinga baratoye igihe imbeba y’intungano yobaho

dimanche 5 Rusama 2013

Kw’igenekerezo rya 3 Rusama 2013, abashakashatsi bo mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika baherutse gutora igihe imbeba y’intungano yoshobora kumara mu mibereho yayo, mu gihe ubuzima bw’imbeba bwoshobora kuba burebure canke bukagirwa bugufi na nya bashakashatsi.

Abigisha bo muri kaminuza yigisha ivy’ubuvuzi harimwo Albert Einstein bakaba baratoye uburyo bwo kuraba igihe imbeba yoshobora kumara ibaho aha kw’isi, ivyo vyose bikaba vyakorewe mu kigo kijejwe ivy’ubuhakashatsi aho muri iyo kaminuza.

Kuva rero ubwo bushakashatsi bukozwe, ubu umuntu ashobora kugura imbeba y’intungano mu gihe yayimenye igihe imaze, ni ukuvuga nto canke iyikuze. iyo ushatse mu bwoko ubwaribwo bwose bw’ imbeba uraheza ukabisaba abajejwe kuziha ubuzima.

Iyo rero abo bahinga bashatse imbeba bivanye n’ubwoko mfasha mubiri bipfuza kuyironkamwo, baraheza bagahagarika ubwoko mfashamubiri bwitwa NF-KB, ubwo rero buhagaze, imbeba ica ibaho iminsi 1100 gusa ugereranije n’iminsi 600 gushika ku 1000 imbeba y’intungano imara mu gihe gisanzwe.

Ubwo buhinga rero ngo bwarateye intambwe iboneka kuko imbeba nyinshi zikwiza iyo minsi ziba zahawe n’abashakashatsi iyo zitagize ingorane ngo zipfe kare kubera ziba zarwaye indwara z’imitsi.

Iyo mfashamubiri NF-KB irafise ingaruka kuko imitsi y’iyo mbeba ica ikomera , ibihimba vy’irondoka navyo bigaca bikora neza kuko ibihimba bikora imbuto bica vyoroherwa cane.

Abantu baribaza namba ubwo buhinga bushasha buzoshobora no gukorwa ku bantu kuko ubwo buhinga buriko burakorwa ku mbeba bwateye imbere. Ariko rero ku bijanye n’ubwo buhinga ku bantu, ngo ntivyoroshe , ariko kandi ngo boshobora kwisunga indwara zikunda guhitana abantu mu gihe c’ubusaza nk’indwara z’umutima n’izindi.

Ivyo rero vyotuma abahinga babikorerako mu gutegura igihe abantu nabo boshobora kumara.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.