Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abahinga mu vy’ubuvuzi baremeza ko indwara yo gutinya igitsina (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abahinga mu vy’ubuvuzi baremeza ko indwara yo gutinya igitsina (...)

Abahinga mu vy’ubuvuzi baremeza ko indwara yo gutinya igitsina iriho

mardi 10 Kigarama 2013

Umugani w’abarundi bayamaze bati, umwenge w’inzu umenywa na nyeneyo, umuntu aragenda abantu bakamubona akomeye, ariko we yiyizi aho arwaye. Umuntu aravuka akabaho, ariko ntamenye integuro y’ubuzima bwiwe. Ivyo bikaba biri ukwo, mu gihe hari indwara ziyadukiza, zigafata umuntu yari akomeye, mu minsi akagendana ubumuga atari yiteze, nk’uko vyashikiye Sophia Birch.

Abaganga bakavuga ko iyo ndwara ishobora kugufata giturumbuka, nk’uko vyashikye uyo mwigeme w’imyaka 21, aho yatanguye kwumva atinya igitsina c’umugabo yari afise.
Abaganga bamaze kumupima bakaba basanze afise indwara yo gutinya birenze igitsina c’umugabo.

Uko bukeye uko bwije, ubuzima b’uwo mwigeme buguma buhinduka, ibintu biteye ubwoba, kuko iyo yiyumviriye ko abantu bashobora kugira imibonano mpuzabitsina, ararwara akaremba agahakwa no kwinjira mu bitaro, ntashobora no kuraba imboneshakure kuko atinya ko yahava abona n’akantu gato komwibutsa ibijanye n’iyo ndwara arwaye. Ivyo vyamushikiye, mu gihe yakundana n’umusore, nawe nyene afise imyaka 21, bari bamaranye imyaka ibiri bakundanye, ariko vyari bigoye kuko uwo mwigeme yibutse ko umusore bari mukwubakana afise igitsina gabo yaca arwara. Izo ngorane zimaze kugera kuri urwo rugero, umusore yahisemwo guheba uwo mwigeme, kuko yabona ko uwo atakibaye uwo bokundana, kandi amutinya gushika naho amwiyumviriye aca arwara.

Uwo mwigeme amenyesha ko iyo yiyumviriye ibijanye n’imibonano mpuzabitsina aca agira ubwoba bwinshi no kurwara akarwara. Abandanya amenyeshako inyuma y’imyaka itatu iheze yari akomeye, ariko vyamufashe ari kumwe n’uwo bakundana, bariko bitegurira kugira bubake urwabo, gushika n’ubu nta mitende aratora kuko nta miti aratangura gufata, namba ihari.

Abahinga mu vy’ubuvuzi, baremeza ko iyo ndwara iriho kandi irwaye abatari bake. Kenshi ifata abantu bafashwe ku nguvu canke bagize izindi ngorane zishikira igitsina, ariko kandi hari n’igihe yiyadukiza ata gituma kiboneka.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Oooh,ko biteye ubwoba!!!!!!!!!None muri Afrika tworonka abaganga ngo twipimishe?canke twe abakiri bato twokora iki?

  • Yooh, ubushiiranganji bw, amagara yabantu ni bahaguruke baturonderere abavuzi nyabuna. Jewe ndi umukenyezi nubatse kandi mfise iyo ndwara. Ivyo bituma mbana nabi numugabo wanje, sinzi ico nokora kandi vyamfashe nja maze kwubaka. Ni mudutabarize mwa bavyeyi mwe!

  • Nanje ndayirwaye hakaboneka umuti murantabara mukampe ndakanywe ntu. Abandi bavuga ko biryoshe ariko je ubwo buryohe narabubuze , ni hamwe nyene ibanga ryo kubaka ari igikomeye. Mba narataye urugo. Heureusement ko uwo tubana antahura nyene.

  • Eman Ahub Uomuntu Nukurab Bakamuvura Bin Kuk Ntivumvkan.

  • Eman Ahub Uomuntu Nukurab Bakamuvura Bin Kuk Ntivumvkan.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.