IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abahora bakora amakosa bizeye guhungira mu bindi bihugu, cabagiye

Abahora bakora amakosa bizeye guhungira mu bindi bihugu, cabagiye

mercredi 26 Ntwarante 2014

Ikorerahamwe ry’igiporisi (Interpole) rirafasha mu gutsimbataza amahoro, ndetse no mu guhasha inkozi z’ikibi, usanga zica zibaza ko zimaze gukora amabi zishobora guca zihungira mu bihugu vyo hanze.

Ku va mu mwaka w’1970 Uburundi bwinijiye muri ico giporisi, akarusho karamaze kuboneka. Ivyo bikaba bishikirizwa na bamwe mu baromgoye igiporisi co guhasha inkozi z’ikibi mu Burundi. Ico giporisi rero kikaba gikunda gufata abantu bagira urudandazwa rw’abantu, abashora ibiyayura mutwe, ibidandazwa bitarekuwe n’amategeko, abasuma b’imiduga, ab’icanyi n’abandi. Ico giporisi ariko kikaba kidashobora gufata bamwe mu bagirizwa ivya poritike, canke ivy’amadini.

Tukabamenyesha ko ico giporisi mpuzamakungu co gukorerahamwe mu guhasha inkozi z’ikibi, kimaze gukora ibitari bike mu Burundi, aho ndetse hari na bamwe mu bana bari baribwe baroye kudandazwa mu bihugu bimwe bimwe vyo hanze bagarukanywe, abari babatwaye nabo bagafatwa. Eko si ivyo gusa, n’abadandaza ibiyayura mutwe canke abadandaza ibirwanisho n’imiti bidaciye mu mategeko, nabo nyene ntiborohewe. Mu burundi ho, umwaka w’2013, ico giporisi kikaba ariho cakoze cane mu guhasha urudandazwa rw’abana rwagira rube ndanse.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.