IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abahoze ku rugamba basabwe kubumbatira umutekano mu kiringo c’amatora

Abahoze ku rugamba basabwe kubumbatira umutekano mu kiringo c’amatora

mardi 17 Ruheshi 2014

Abahoze ku rugamba bagera ku 200 bagiraniye inama n’umuhuza w’abarundi. Iyo nama yari igamije guhanahana ivyiyumviro ku kungene hobombatirwa amahoro muri kiringo cegereje camatora n’inyuma yayo.

Ibikorwa vy’inama y’abahoze ku rugamba 200 n’umuhuza w’abarundi vyatunganijwe kuri uwu wa mbere wa 17 Ruheshi 2014. Inama yatunganijwe n’ibiro vy’umuhuza w’abarundi bifadikanije n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, FED.

Abo bahoze ku rugamba akaba ari abahoze mu gisirikare ca Reta y’Uburundi hamwe n’abahoze mu mirwi irwana, ariko ubu bahurikiye mu mashirahamwe 15 akorera mu gihugu.

Mw’ijambo ryo gutanguza iyo nama, umuhuza w’abarundi, Mohamed Rukara, yamenyesheje ko intumbero nyamukuru y’iyo nama, ari ukugira abo bahoze ku rugamba bahanahane ivyiyumviro vyotuma amahoro, ubumwe n’umutekano bishobora kubumbatirwa mu gihugu haba muri kino kiringo igihugu cimirije amatora, haba mu matora canke inyuma yaho.

Ikindi naco akaba kwari ukugira barabire hamwe ivyokorwa mu kwiteza imbere mu vy’imyuga, muvy’uburimyi bwa kijambere, mu vy’ukworora canke mu kudandaza, ibikorwa vyotuma urwaruka rushobora kwibabeshaho batarinze gutega amaso Reta.

Kubw’umushikiranganji wo kwivuna abansi, Général Major Gaciyubwenge Pontien, iyo nama ije hageze mu gihe Uburundi bwimirije kuja mu matora. Bikagaragara ko akenshi abahoze ku rugamba ari bo bakunze gukoreshwa mu guhungabanya umutekano mu kiringo c’amatora.

Mu gihugu cose, abahoze ku rugamba bagera ku bihumbi 50 bakaba bagiye gukarihirizwa ubwenge mu bikorwa vy’ukwiteza imbere. Umushikiranganji wo kwivuna abansi ahamagarira abo bahoze ku rugamba kwerekana ubukerebutsi bafise mu gufasha gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu.

Ariko rero, naho ibiro vy’umuhuza w’abarundi bivuga ko urwego rujejwe kuraba ubuzima bw’abahoze ku rugamba rutishimikije ubwoko, igitsina canke imigambwe mu gutanga ubutumire bw’abitaba inama, bamwe mu bahoze mu rugamba ntibemerewe kwinjira ahabereye iyo nama. Ishavu riraniga kuribo. Basaba ko umuhuza w’abarundi yobasigurira ivyo bishimikije mu gutanga ubutumire.

Mwomenya ko iyo nama y’abahoze ku rugamba n’umuhuza w’abarundi igiye kumara iminsi ibiri. Kuva kuri uno munsi wa kabiri igenekerezo rya 17 Ruheshi, gushika kw’igenekerezo rya 18 Ruheshi 2014.


BUKURU Mariella

Messages

  • MUHUZA WA BARUNDI RUKARA NUKOMERE KUCIYUMVIRO CO GUHA INYIGISHO ABAHOZE KURUGAMBA MUGAMBO MUBIGISHE MUZI NEZA YUKO EJO CANKE HIRYA Y’EJO MUTAZOBIKORAKO WE VYOBA ARI VYIZA NA CANE CANE UBWIRE ABO BA DD MURI KUMWE. KOMERA TURARINDIRIYE TUBIBONE.

  • Nwari mwe na bagenzawe mwatanzwe nyaruka mwandike mdabatumiye co kimwe na Nkurumziza Emmanuel, Nkurunziza. Clément. Willy na Vache, nyaruka ntidutangwe.mwoba mukoze

  • Ibinivyo mururimi rwikirundi vyitwa vyiza. Umuhuza wacu (abarundi) turagukunda nabomukorana bose, egondakomeje kwemezako abakugenye ngubumuhuza wabarundi nabakunzi bu Burundi peeeee!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.