Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi «Ramba FC» uriko utegura kazoza k’urwaruka mu mupira w’amaguru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi «Ramba FC» uriko utegura kazoza k’urwaruka mu mupira w’amaguru

Umurwi «Ramba FC» uriko utegura kazoza k’urwaruka mu mupira w’amaguru

vendredi 31 Nzero 2014

Abahumure bigeze gukina umupira w’amaguru bagiye hamwe bagira ishirahmwe rifise igisata c’umupira w’amaguru. Ico gisata gifise imirwi y’umupira w’amaguru ihurikiyemwo urwaruka rw’imyaka yose kandi bageze kure mu mahiganwa.

JPEG - 27.1 ko
Mureke Théodore, icegera c’uwurongoye "Ramba FC"

Ishirahamwe «Association Multicolore Ramba», ryavutse mu mwaka w’2010 rivukira mu Ngagara, rifise intumbero yo gufasha guhindura imico mu kibano, na cane cane indero y’urwaruka. Nikwo gutanguza umurwi w’umupira w’amaguru «Ramba FC».

Mureke Théodore ni icegera c’uwurongoye ishirahamwe, amenyesha ko ishirwaho ry’umurwi «Ramba FC» rifise intumbero yo kwinonora imitsi kuko bifasha kuramba, ikindi n’uko babonye ko urwaruka rw’ubu atari urwo kureresha inkoni, ahubwo ko ari kurwereka ibikorwa, ko ari kurondera igitwara wa mwanya wo kwicara ku marigara, maze bakamara umwanya bariko barakina bongera bahakura n’ubundi bumenyi.

Nk’uko bavyiyumviriye barabikoze kuko umurwi wa «Ramba Fc» uriho, ufise umurwi w’abana bato kuva ku myaka 5 gushika ku myaka 14 bita «minimes», umurwi w’aba «Cadet» na «Junior» hamwe n’umurwi w’abahumure «Senior». Nk’uko Théodore Mureke abandanya abivuga, abana bari muri uwo murwi baharonkera vyinshi, kuko n’uwubuze amahera y’ishuri baraheza bakamufasha kandi barabaha n’indero.

Umurwi wa «Ramba Fc» uriko ugura n’abakinyi bazofasha mu mahiganwa azotangura kw’igenekerezo rya 08 Ruhuhuma gushika hagati mu kwezi kwa Myandagaro 2014 mu Ngagara. Muri abo bamaze kugura harimwo nka : Kirura Divin yavuye muri Kavumu Fc, Nshimirimana Yves yaguzwe muri Nil Star, Ramos yavuye muri AC Kinama na Ndereyimana Clovis yahora mu murwi wa Black Stars.

Uwo murwi uramaze gukina n’iyindi mirwi haba i Bujumbura canke mu ntara zo hagati nk’i Bubanza, mu Gatumba n’ahandi henshi. Muri kazoza, abarongoye uwo murwi bipfuza gutegura abana bazorera bakavamwo abakinyi b’umupira w’amaguru bakomeye hamwe n’abanonotsi bazoserukira Uburundi mu makungu nka ba Vénuste Niyongabo, Francine Niyonsaba n’abandi.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • uyo ndawushigikiye kandi bagize umugambi mwiza cane ni batere imbere nk’umuzinga. nk’ivyo nivyo bikenewe mu gihugu cacu.

  • Ico ciyunvira ni ciza sana.Mwe nimwe mukwiye gufashwa.Murasaba le Messager ibagabanirize!!Biragoye.Murugurura i Compte basi dushireko aya rafraichissement - Local.Nimwirambire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.