Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abahunze Boko Haram baguye mu makambi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abahunze Boko Haram baguye mu makambi

Abahunze Boko Haram baguye mu makambi

lundi 6 Gitugutu 2014

Abahunze abarwanyi ba Boko Haram, baguye mu makambi y’aho bahungiye mu gihugu ca Cameroun.

Amakuru ava muri Cameroun avuga ko nyinshi mu mpunzi zahunze Boko Haram mu Buraruko bwa Nigeria, zapfiriye mu makambi. Bamwe mu baba muri izo kambi ziri mu gisagara ca Fotokol hafi y’urubibe na Nigeria, bavuze ko ubuzimwa bwari bubi cane muri iyo kambi ku buryo abana bariko barahitanwa na marariya.

Abandi bavuze ko ivyo kurya vyari bike cane ku buryo bategerezwa kwiba mu mirima y’abanyagihugu iri hafi y’iyo kambi. Ababikurikiranira hafi bavuga ko habaye ugukorana guke hagati ya Nigeria na Cameroun mu gutorera umuti ikibazo c’abarwanyi ba ki Islam, naho abakuru b’ivyo bihugu bari bemeye gukora ibishoboka vyose. Abarwanyi b’uwo mutwe wa Boko Haram baragisibije mu bihugu vya Nigeria na Cameroun aho bica abantu, abandi bakabanyuruza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.