Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Abahuza ibitsina babisangiye ntibacinyegeza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bujumbura : Abahuza ibitsina babisangiye ntibacinyegeza

Bujumbura : Abahuza ibitsina babisangiye ntibacinyegeza

jeudi 9 Nzero 2014

Abahuza ibitsina babisangiye ntibacinyegeza naho mu gitabo mpanavyaha bategekanya ibihano n’amahadabu kubabikora.

Igitabo mpanavyaha co mu Burundi gitegekanya umunyororo uva ku mezi 3 gushika ku myaka 2 n’ihadabu iva ku bihumbi 50 gushika ku bihumbi 100 ku bantu bahuza ibitsina babisangiye. Naho ico gihano kiriho, hariho abakiraba nk’igikanganyoni, maze bakemanga ukuri kwamye ko bahuza ibitsina babisangiye gushika naho bimonogoza bakavyemanga ku bimenyeshamakuru n’insamirizi.
Kuri Radio Nederland wereldomroep ikorera ku mugabane wa Afrika, umusore w’umurundi yaravuze ata bwoba, ata soni canke ibimaramare, yemanga ko ari mu murwi w’abahuza ibitsina babisangiye.

JPEG - 16.7 ko
Mujimbere Gabriel

Mujimbere Gabriel yavugiye kuri iyo nsamirizi ati : "Ego ndazi ko ntandukanye n’abandi, ariko birabasha abo barajwe ishinga n’uko meze » . Abandanya avuga ko bimuryohera cane kuba ameze uko kandi ikimunezera ni uko n’abavyeyi biwe n’abo bavukana bamushigikira. Gabriel yemeza ko yabitanguye mu mwaka w’2006. Ico gihe yinjiye mu murwi w’abatamba Top Ishaka wari aho yari asanzwe aba. Ico gihe yasa n’uwubatinya kuko yanka ko yohava asanga nawe abaye nk’abo, kuko umurwi wari ugizwe n’abahuza ibitsina babisangiye. Bukebuke yahavuye abiyumvamwo, maze aba yinjiye mu murwi w’abahuza ibitsina babisangiye.

Gaby avuga ko iyo ngeso yiwe itakirwa neza n’abarundi, yigana ko umunsi umwe yagiye kuramutsa mugenzi basangiye iyo mibereho, bugingo bariko bararamukanya, basomana, imisore yabonye iyo ndamukanyo babarengerako n’amahiri barakutwa baranoga, maze batabwa muri yompi barara mu munyororo. Kuri we, ivyo ngo ntanguvu bimuca, ahubwo avuga ko agiye kurwanira ihohoterwa rigirirwa abahuza ibitsina babisangiye.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Wmongeye kwirigwa mbega satani yadutse no ngaho muburundi kubita mwica izo nyegera mwa kavyaramwe ica ayo masatani reta shira ho igihano co kubica nko muri uganda pls nti muje mubashira ahabona uwo mufashe mumufungira mwicupa mutamwereka abana bakiri bato kuko nisoni urabona iyo foto yuwo muhemu.yahemutse imbere yabantu ubona uriya musi bamukubita iyo ahita apfa nkunda abantu kabisa ariko umutu nkuyo ntamhidwe muha narimwe murakoze bene wacu bo ku igihe.

  • Isi igeze habi, ariko ico mbona twarinjiriwe iyi niya misi ivugwa na Bible, rero Uburundi burikanure, abo bashaka gukora ivyo Burundi bubahitishemwo bahunge canke bafungwe uwo guherayo. Ndabona tugowe pe. Abo binjiwemwo na dayimoni kandi kumubakuramwo ntivyoroshe.

  • MANA TABARA ABARUNDI,SATANI YABASHITSEMWO KUKO LETA YOYO YARINUMIYE,J SAIS PAS SI KO YOBA IBASHIGIKIY,KURAHO IZO NGEGERA NGO NABA PD.UMUHUNGU K’UMUHUNGU???

  • MBEGA KO IMANA YAREMYE UMUGABO N’UMUGORE KUGIRA BARONDOKE,ABO BANTU NABO BAHUZA IBITSINA BABISANGIYE BASHAKA GUSHIKA KUKI?KIMWE BOMENYA IMANA NTIYADUHAYE IGITSINA KUGIRA TUKIGIRE IGIKINISHO.

  • Ivyo guhuza ibitsina kubabisangiye, ningeso ikwiye kurwanywa kuko Imana ntiyigeze yihanganira Sodoma na Gomora aho murivyo bihugu iyo ngeso yari yeze! Barundi mubikora,nobasaba ko mwobireka kugira ntimukwegere ishavu ry’Imana igihugu cacu! Muzoba mukoze!

  • Umuntu asomye commentaires Zanyu ararengerwa... Nihehe mwabonye ko Imana itanga uruhusha rwo kwica kiremwa muntu... Nimba mukunda uburundi busengere nayo kuvyerekeye ivyo abandi bakora sinabaza ko bibaraba aha mwese uwoja kurindera ivyo mukora mungo zanyu nizabandi wosanga bisengeye... Imana yaremye abantu ibaha nubwenge bwo kubukoresha ariko ntashatse kuvuga nabi ibi nsomye birababaje kubantu bitwaza Imana. Niyo yonkuru kandi niyo izo jugea chacun d’entre nous si twebwe tuzo jugea abandi
    Merci

  • ivyo ni bimwe bita Ubuyobe!Soma Matayo 24!
    Isi igeze ahatemba!

  • Nukuri Uwomuntu Nabandi Bameze Nkuwo Jewenubaha Imana Badahinduye Iyongendo Nukuri Bazomera Nkabo Kuri Nowa Bapfe Batokombere Ndabahanuye

  • Nukuri Uwomuntu Nabandi Bameze Nkuwo Jewenubaha Imana Badahinduye Iyongendo Nukuri Bazomera Nkabo Kuri Nowa Bapfe Batokombere Ndabahanuye

  • Ivyo Bintu Mukora Imana Birayisesema

  • Ivyo ni ivyanditswe bishitse; Leta nigerageze ishire mu ngiro ivyo bihano vyateganijwe. Abo babikora ni ibipfu!

  • Vyukuri Abobahuza ibitsina Nibisubirekobabihebe Ahandiho Barasesema Imana BashakareroBabihebe Kuko Bazobona Ibara!

  • Vyukuri Abobahuza ibitsina Nibisubirekobabihebe Ahandiho Barasesema Imana BashakareroBabihebe Kuko Bazobona Ibara!

  • iryobara Riragahera, Ntahovyanditswe, Atarukuzocirigwakwiteka, Nimana,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.