IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umucuraranzi Kizito Mihigo yahagaritswe n’abajejwe umutekano mu (...)

Umucuraranzi Kizito Mihigo yahagaritswe n’abajejwe umutekano mu Rwanda

lundi 14 Ndamukiza 2014

Abajejwe umutekano bo mu gihugu c’Urwanda bataye muri yompi umuririmvyi w’igihangange yitwa Kizito Mihigo. Uwo yafatiwe hamwe n’abandi babiri harimwo umusirikare yitwa Jean Paul Dukuzumuremyi, be n’uwitwa Cassien Ntamuhanga, arongoye insamirizi yaho mu Rwanda yitwa Radio Amazing Grace. uwo wamyuma yaramaze indwi yarabuze irengero.

Amakuru yatanzwe n’abajejwe umutekano baho mu Rwanda nkuko ikinyamakuru IGIHE.COM kibimenyesha, avugako abo bagabo 3 bagirizwa icaha co guhungabanya umutekano no kuba bakorana n’umuhari FDLR.

Iryo tangazo rivuga riti:” Mihigo, Ntamuhanga na Dukuzumuremyi bagiye kugirwako amatohoza kuba bafise aho bahuriye n’itegurwa ry’ibitero vy’itera bwoba mu Rwanda, gutegura gukuraho ubutegetsi buhari, gutegura iyicwa ry’abategetsi bakomeye bari mu ntwaro ndetse no kuvyura icuka kibi mu banyagihugu.”

Iryo tangazo ribandanya ryerekana ko bakekwako gukorana n’abatavuga rumwe n’intwaro bari mu mugambwe wa Rwanda National Congress (RNC)hamwe n’umuhari wa FDLR, eka bakekwa ko boba bakorana n’akarwi k’abantu batera ama “grenade”aho mu Rwanda.

Raba imwe mundirimbo yaririmvye :


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Kagame amaze abacitse ku icumu peeee

  • Izinkina mico bamuzigumiza hariya twebwentavyodushaka ukurikurajwi Imana nibarenganure ibarinde akarenganyo

  • Uwomuririmvyi aririmbaneza kandindamwibuka duhuriye nagiye kuraba abana babamu Bubiligi arikwararirimba ariko mengo yinga mubu Frasa sinibuka iyoyaravuye jewe numvirije indirimbo yaririmvye numvise ndamukunze.
    Arikorero uwoniyaba yagirijwe kugambanira igihugu hasigaye gufata abanyarwanda bose mpaka nuwusigaye azokwifate ubwiwe.

  • Kagame atavuye kubutegetsi nta Rwanda ruriko ruraronka amhoro!,na congo ntamahoro izokwigera igira kagame na museveni bakiri kuntwaro!,tuzokwamira muntabara z.urudaca ndabarahiye.ngwihonya bwoko ryabatutsi,ugwo nugwitwazo gwogushaka kumara ABAHUTU bose mugwanda hasigare hiziziwe nubwoko bumwe Tutsi gusa,nukuvuga kwa t, ABAHUTU bapfuye muntambara yabaye mugwanda????,.ninyendamuvano,nkimwe yanryoryo.yugukumara abahutu,itsemba bwoko nabonyene baritanguye mukwica HAVYARIMANA iyo bemera bagasangira ubutegetsi nkuko amasezerano bari bagiriraniye yavuga,ntantambara yari kuhaba,abapfuye bose,baba abatutsi na bahutu,ntibagiye abatwa,nibabazwe KAGAME,numugwi wigisoda yararongoye,yemwe jewe ico niciyunviro ciwanje civyo nzi kandi nabonye kuko nahoramba mugwanda,hoba haruwundi yobafise igtandukanye nanje,ntabwo twabipfa gose,ariko jewe ivyonvuze nukuri gusesuye.abapfuye boose bazize amaronko yabamwebamwe mubatutsi bugwanda,nu Buganda,kuko ungabo zubuganda zitegetse na museveni zaragize uruhara runini mungwano yugwanda.

  • Politic nimbi. Uyu mugabo uko aririmba sinibaza ko yokora ibintu nkibi. Nimba atari imitwe yaba bagabo bari kubutegetsi, unutekano mu rwanda urahungabana umwanya uwari wose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.