Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abajejwe umutekano wa Barack Obama batatu bafatiwe ibihano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abajejwe umutekano wa Barack Obama batatu bafatiwe ibihano

Abajejwe umutekano wa Barack Obama batatu bafatiwe ibihano

mercredi 26 Ntwarante 2014

Bamwe mubari mu rwego rujejwe gucungera umukuru w’igihugu wa Reta zunzubumwe za Amerika Barack Obama ntibacizewe. Batatu muri bo barahawe igihano bagirizwa ko bafashwe baborewe baca bibagira imirimo bajejwe, nk’uko vyamenyeshejejwe n’ikinyamakuru Washington Post.

Abari mu rwego rujejwe gucungera umutekano wa Obama ntibacizewe. Imvo yabitumye ikaba yavuye kuba bihereje utuyoga twinshi gushika y’aho batatu muribo baborerwa, aho bari i Amsterdam, igihe shebuja wabo Barack Obama yari arindiriwe bukeye.
Urwego rujejwe gucungera umutekano wa Barack Obama ni urwego rukomeye, ntirumeze nk’izindi kuko kw’isi nzima rwemerwa ko arico giporisi ca mbere mu gucungera umutekano. Ariko rero naho biri uko, birashika kakabacamwo nabo. Ku munsi wa mbere, ikinyamakuru "Washington Post" camenyesheje ko batatu muri abo bajejwe gucungera umutekano wa Barack Obama bahawe ibihano bagirizwa kuba barigenjeje nabi mu kwihereza urukanwa bari ku kazi.
Umwe muribo bamusanze yaborewe cane ari mw’ihoteri y’i Amsterdam mu gatondo ko ku munsi w’Imana, mu gihe Barack Obama yari arindiriwe i Amsterdam mu namaa ijanye n’ingorane ziri mu gihugu ca Ukraine.

Umuvugizi w’urwego rujejwe gucungera umutekano wa Barack Obama yamenyesheje ko abakozi batatu b’urwo rwego aribo bamaze kwirukanwa bivuye ku kwigenza nabi berekanye, bakazomara iminsi mu gihano gushika amatohoza aheze. Ariko rero nk’uko bibandanya bivugwa, si irya mbere abari muri urwo rwego bigenza nabi, kuko hari n’ikindi gihe bigeze kubikora umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika yagendeye igihugu ca Colombiya, aho abo bajejwe umutekano baciye bihereza inzoga mu nyuma, birara muri bamwe badadandaza umubiri.


Floxella Karire

Messages

  • AREGA NABONYENE BARAHWERA.NAMBA INYOTA YARIBAREMBEJE WAGOMBA BAKORIKI?

  • Kw’isi nzima umusoda n’umwe uraz’abasoda b’abany’Afrika yepfo na Mozambique !barabica bigacika m’ugusambana,kuborerwa n’ubundibubegito,.Birinda bikorwa n’abakorer’intica ntikize barya nabo batunze bakarenza bobireka gute?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.