Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi 3 b’aba kurde baragandaguwe i Paris - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abakenyezi 3 b’aba kurde baragandaguwe i Paris

Abakenyezi 3 b’aba kurde baragandaguwe i Paris

vendredi 11 Nzero 2013

Abategetsi bo mu Bufaransa, basanze abagore batatu bo mu bwoko bw’Abakurde, barimwo uwatanguJe umurwi w’abagwanyi bigumuye mu gihugu ca Turkiya, barashwe i Paris ku murwa mukuru, ejo ku musi wa kane. Umushikiranganji w’igihugu c’Ubufaransa ajejwe intwaro yo hagati, avuga ko bagandaguwe.

Abapolisi bavuga ko ibiziga vy’abo bagore batatu vyarimwo amasasu, imbere y’ibiro vy’AbaKurude bijejwe gutangaza amakuru.

Bavuga kandi kw’umwe mur’abo bagore, yitwa Sakine Cansiz, yari yatanguje umuhari witwa Kurdish Workers’ Party canke KKK: umurwi ugwanira ubwigenge bw’Abakurde mu gihugu ca Turkiya.

Umugore agira kabiri yagandaguwe, ni Frida Dogan afise imyaka 32 , akorera ivyo biro bijejwe gutangaza amakuru i Paris, kandi aserukira umugambwe w’Abakurde ufise icicaro i Buruseri mu gihugu c’u Bubirigi.

Umugore yagandaguwe agira gatatu ni Leyla Soylemez avugwa ko yahora aharanira ineza y’Abakurde. Abapolisi batangaje ko batanguje amatohoza.

Umushikiranganji w’igihugu c’Ubufaransa ajejwe intwaro yo hagati, Manuel Valls, yaragendeye ikibanza, abo bapfasoni bagandaguriwemwo ejo ku musi wa kane, akaba yavuze ko ubwo bwicanyi budashobora kwihanganirwa.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.