Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi badandaza ibitenge mw’isoko mu Kinama basaba gusubizwa ibitenge (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abakenyezi badandaza ibitenge mw’isoko mu Kinama basaba gusubizwa ibitenge (...)

Abakenyezi badandaza ibitenge mw’isoko mu Kinama basaba gusubizwa ibitenge vyabo

jeudi 12 Ruheshi 2014

Abakenyezi badandaza ibitenge mw’isoko yo mu Kinama barugarije ibiro vy’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara kugira agire ico abafashije ku vyerekeye ibitenge batwawe n’ikigo gitoza amatagisi n’amakori ya OBR, bagirizwa ko badandaza ibitenge vya magendu.

Mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 11 Ruheshi, abakenyezi badandaza ibitenge mw’isoko mu Kinama, mu gisagara ca Bujumbura, barugarije ibiro vy’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara. Abo bakenyezi bari baje kumusaba abafashe ku vyerekeye ibitenge vyabo vyafashwe n’ikigo OBR (Office Burundaise des Recettes), kibagiriza ko badandaza ibitenge vya magendu batatangiye itagisi.

Abo bakenyezi rero, nk’uko bavyivugira, baratangazwa n’ukungene ikigo OBR kiza kubafatira ibitenge vyabo, ko ari ivya magendu, kandi babirangura kuri bagenzi babo bo mw’isoko kwa Siyoni. Ikindi kibatangaza, n’uko igihe ico kigo caja guharura ibidandazwa bafise batigeze bavuga ko ari ibidandazwa vya magendu, mugabo mu nyuma bagafatirwa ibitenge vyabo. Abo bakenyezi bavuga kandi ko bitumvikana ukungene abo barangurira kwa Siyoni, ibidandazwa vyabo bishobora kwinjira mu Burundi bitarishe itagisi, OBR itabibonye kugira ibafatire ibihano, namba koko ari ivya magendu. Bisigura ko ikosa riri ku bakozi ba OBR, nk’uko abo bakenyezi babandanya babishikiriza.

Abo bakenyezi basaba ko ikigo OBR cobasubiza ibidandazwa vyabo, kuko nivyo vyari bibabeshejeho, bakavuga kandi ko bobo batigera baja kurangura hanze y’igihugu, ahubwo barangura kuri bagenzi babo, kubera bafise uburyo buke.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.