Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi badandaza umubiri bo muri Nigéria bemeye guhuza ibitsina (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakenyezi badandaza umubiri bo muri Nigéria bemeye guhuza ibitsina (...)

Abakenyezi badandaza umubiri bo muri Nigéria bemeye guhuza ibitsina n’abakinyi ku buntu

lundi 4 Ruhuhuma 2013

Ishirahamwe ANP ry’abakenyezi badandaza umubiri ryemereye abakinyi b’umugwi nserukiragihugu wa Nigéria ko hamwe botwara igikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru batobarihisha igihe boba bashaka guhuza imibiri nabo.

Mw’itangazo ryasohoye kuri uwu wa gatanu ribicishije mu kinyamakuru So foot, ishirahamwe ry’abakenyezi badandaza umubiri bo muri Nigéria ANP(Association Nigériane des Prostituées) rivuga riti : “Nk’uko bisanzwe abakinyi nibizere ko tuzoguma tubashigikira ku kibuga. Dushaka ko basubiza agateka umupira w’amaguru w’igihugu cacu.”

Ariko rero ngo mu vy’ukuri abo bakenyezi bagurisha umubiri baregereye abakinyi nka John Obi Mikel, Victor Moses, Joseph Yobo n’abandi bababwira ko hamwe botahukana ico gikombe ca Afrika bokwemerera uwubishaka wese muri abo bakinyi kurangura amabanga mpuzabitsina nabo ku buntu mu kiringo c’indwi yose, nk’uko ikinyamakuru So foot kibandanya kibivuga.

Ivyo bikaba ngo vyabaye imbere y’uko bakina n’umugwi wa Cote d’Ivoire baraye bakuyemwo.

Ico kinyamakuru giheraheza kivuga ko ivyo vyerekana ko ari abanyagihugu bose bari inyuma y’umugwi wabo wa Nigéria mu gihe uwo mugwi uzotana mu mitwe n’umugwi wa Mali mu gice ca kabiri gishira ica nyuma ku musi wa gatatu hazoba ari itariki 6 Ruhuhuma 2013.


Emile Nibasumba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.