Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi 5 bo muri Afrika bahiganirwa igikombe ca BBC bamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi 5 bo muri Afrika bahiganirwa igikombe ca BBC bamenyekanye

Abakinyi 5 bo muri Afrika bahiganirwa igikombe ca BBC bamenyekanye

lundi 11 Munyonyo 2013

Urutonde rw’abakinyi batanu bazotorwamwo umwe yarushije abandi gukina neza mu mwaka w’2013 mw’ihiganwa ritunganwa na BBC ( 2013 BBC African Footballer of the Year) bamenyekanye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 11 Munyonyo 2013. Umwe azotorwa muri abo batanu azoca ahabwa agashimwe na BBC.

Abo bakinyi batanu bashizwe ahabona inyuma y’amatora yakozwe n’abamenyeshamakuru bagera kuri 44 batandukanye bo muri Afrika bakurikirana ivy’inkino.

Urutonde rwa batanu batowe kugira bahiganwe

Pierre-Emerick Aubameyang

Akomoka mu gihugu ca Gabon, akaba afise imyaka 24 y’amavuka. Mw’ihiganwa ryo mu mwaka w’2012 ushira uw’2013 niho yerekanye ibitangaza aho yatahukana ikibanza ca kabiri mu bakinyi binjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Ubufaransa. Niwe yafashije umurwi St Etienne yakinira gutahukana igikombe c’Ubufaransa.
Ivyo vyatumye umurwi umurwi wa Borussia Dortmund wo mu gihugu c’Ubudagi udahigimanga kumutangira imiriyoni 13 z’ama pawundi kugira aje kuwukinira. Naho yashitse ihiganwa rimaze gutangura, ntivyabujije ko ashika atsinda ibitsindo bitatu wenyene mu rukino rumwe gusa umurwi wa Borussia Dortmund wariko ukina na Augsburg.

Victor Moses

Akomoka mu gihugu ca Nigeria, akaba afise imyaka 26 y’amavuka. Azwi kw’uwafashije umurwi Chelsea yakinira gutahukana igikombe ca Europa League. Imbere y’uko yerekeza mu murwi wa Liverpool bamutije, akanafasha umurwi nserukira gihugu wa Nigeria gutahukana igikombe c’ihiganwa rya Afrika (CAN 2013) ryabereye mu gihugu ca Afrika y’epfo.

John Mikel Obi

Nawe nyene akomoka mu gihugu ca Nigeriya, akaba kandi nawe nyene akinira umurwi wa Chelsea. Nawe ari mubafashije umurwi nserukira gihugu wa Nigeria gutahukana igikombe ca Afrika (CAN 2013). John Obi Mikel asanzwe ari umukinyi wo hagati abandanya kwerekana ko ari umukinyi w’agaciro, haba mu murwi wa Chelsea, canke mu murwi nserukiragihugu wa Nigeriya.

Jonathan Pitroipa

Akomoka mu gihugu ca Burkina Fasso. Mu gihe yotorwa, yoba abaye umukinyi wa mbere muri ico gihugu atahukanye agashimwe ubwa mbere. Bitumwe n’ukuntu yigenjeje mu nkino za nyuma z’igikombe ca Afrika (CAN 2013) cakiniwe muri Afrika y’epfo, aho yafashije umurwi wiwe gushika mu nkino za nyuma kandi ata n’amahirwe baha uwo murwi.
Ivyo vyatumye aca atorwa nk’umukinyi mwiza muri iryo higanwa (Best Player of the Tournament)

Yaya Nyenyeri Toure

Ni incuro ya 5 yikurikiranya uwu munya Cote d’Ivoire w’imyaka 30 atorwa mu bakinyi bahiganirwa ubwa nyuma ico gikombe, ariko bigahera abaye uwa kabiri, canke uwa gatatu.
Muri uwu mwaka w’2013, ivyo yakoreye umurwi w’igihugu ciwe, haba mu nkino za nyuma z’igikombe ca Afrika baviriyemwo mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, hamwe no mu nkino y’uguhiganirwa kuja mu gikombe c’isi yose, hamwe n’ivyo yakoreye umurwi akinira wa Manchester City, vyatumye ahabwa amahirwe menshi kurusha abandi yo gutahukana ico gikombe ca BBC.

Uko abakeneye gutora umukinyi bipfuza bobigenza

Inyuma y’amatora yakozwe n’abamenyemakuru 44 batandukanye bo muri Afrika, ari nabo batanze urwo rutonde rw’abakinyi batanu, abakunzi b’umupira w’amaguru nibo bazokwitorera uwo mukinyi akwiye kuba uwa mbere. Nk’uko tubikesha ikinyamakuru Umuryango, ababishaka batorera ku rubuga rwa BBC canke bakarungika ubutumwa bugufi (SMS :Short Message Service) ku nomero zikurikira : +44 7786 20 20 08.

Mu gutora, urungika ubutumwa bugufi, wandika igiharuro 1 kuri Pierre-Emerick Aubameyang, 2 kuri Victor Moses, 3 kuri John Mikel Obi, 4 kuri Jonathan Pitroipa na 5 kuri Yaya Nyenyeri Toure.

Amatora y’abakunzi b’umupira w’amaguru azohera kuwa 25 Munyonyo 2013, isaha cumi na zibiri z’umugoroba.
Uwuzoba yatsinze ari nawe azoba ari umukinyi wa mbere ku mugabane wa Afrika azomenyekana kuwa mbere igenekerezo rya 2 Kigarama 2013 isaha cumi n’imwe n’iminota mirongo itatu n’itanu z’umugoroba.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.