Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi b’Intamba biteze intsinzi mu rukino rwo gusubiriza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi b’Intamba biteze intsinzi mu rukino rwo gusubiriza

Abakinyi b’Intamba biteze intsinzi mu rukino rwo gusubiriza

lundi 12 Rusama 2014

Mu nkino z’ugukurakuranamwo mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’imirwi nserukirabihugu y’abatarenza imyaka 20, Uburundi bwatsinzwe na Cameroun mu rukino rwa mbere. Abakinyi b’Intamba mu rugamba n’umumenyereza wabo bizeye ko bazotahukana intsinzi mu rukino rwo gusubiriza.

Ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi bararorereye urukino Intamba mu rugamba zitashoboye kuronka amahirwe yo gutsinda. Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu wa Cameroun bari baje bazikenyeye, biboneka ko bashashaye intsinzi. Urukino rugitangura, ku mpande zose harabonetse ugusatirana bikomeye, abakinyi ba Cameroun basanzwe bari mu mirwi ikomakomeye harimwo n’iyo mu bihugu vya Buraya baratsinze igitsindo kimwe Intamba mu rugamba, mu mpera z’igice ca mbere c’urukino.

Igice ca kabiri gitanguye, ku ruhande rw’abakinyi bose nta n’umwe yabonye izamu ry’uwundi, urwo rukino ruca rurangira ari intsinzi ya Cameroun y’igitsindo kimwe, ku busa bw’Intamba mu rugamba. Dominique Niyonzima, ajejwe ubuhinga mu murwi nserukiragihugu w’Uburundi "Intamba mu rugamba" arakeza abakinyi b’Uburundi naho batashoboye gutsinda, akamenyesha ko bavyifashemwo neza agereranije n’ibihangange vya Cameroun vyari muri urwo rukino. Yizera ko igitsindo kimwe kitazobananira gukurayo, bongere batsinde n’ibindi mu rukino rwo gusubiriza ruzoba mu ndwi zibiri, kw’igenekerezo rya 25 Rusama 2014 mai 2014 muri Cameroun

Abakinyi nserukiragihugu ba Cameroun n’imirwi bakinamwo :

1) Joseph Fabrice Ondoa EBOGO / FC Barcelone

2) Tabekou OUAMBE / Apejes

3) Kunde Malong PIERRE / Athlétique Madrid

4) Ngah FABRICE /Astres de Douala

5) Ndongo Louis / Cotton Sport

6) Samuel NKOUA / Union de Douala

7) Dikwa LEGA / Panthère Sécurité

8) Yossanguim EPHRAIM / Cotton sport

9) Bana MOUSSA / Cotton sport

10) Andoulo SERGE / DAC

11) Teinté TONI / Paris FC Academy

12) Bassama NTSOLE / Cotton sport

13) Noubissi MARIUS / Astres de Douala

14) Libi Thomas JUNIOR / Astres de Douala

15) Zakarie Lionnel ENGUENE / - FC Barcelone

16) MBENDE Moise Emmanuel / Borrusia Dortmund

17) Abogo PIERRE

18) Boya FRANCK / Nkufu sport

19) Nlate EKONGOLO / Sport Etude

20) MAHAMA / Sahel de Maroua


Egide Nduwimana

Messages

  • Ndakurikira amakuru y’igihe misi yose, n’ikinyamakuru nkunda ariko ndababazwa n’ingene mumenyekanisha cane abakinyi ba Cameroun mu kuvuga amazina yabo n’imirwi ariko abo mu Burundi ntimubadondore

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.