Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi b’Intamba mu Rugamba buriye indege bagana igihugu ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi b’Intamba mu Rugamba buriye indege bagana igihugu ca (...)

Abakinyi b’Intamba mu Rugamba buriye indege bagana igihugu ca Djibouti

mardi 1er Ndamukiza 2014

Abakinyi b’Intamba mu Rugamba buriye indege bagenda mu gihugu ca Djibouti aho bitavye urukino ruzobahuza n’umurwi nserukiragihugu w’ico gihugu, w’abakinyi bafise munsi y’imyaka 20.

Mu gitondo co kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 01 Ndamukiza, abakinyi 18 b’umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba bafise munsi y’imyaka 20 bazindukiye mu rugendo rubashikana mu gihugu ca Djibouti. Bitavye urukino rwo gutoramwo imirwi izoja mu mahiganwa ca CAF azobera muri Sénégal mu mwaka w’2015.
Urukino ruzoba kw’igenekerezo rya 04 i Djibouti, abakinyi b’intamba mu rugamba bakazoshikayo igihe c’isaha zitatu ku masaha y’i Djibouti, ni ukuvuga igihe c’isaha imwe z’agatondo ku masaha yo mu Burundi.

JPEG - 19.5 ko
Umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama yasezeye abakinyi b’Intamba mu rugamba, abashikiriza ibendera c’igihugu c’Uburundi bagiye guserukira

Mwomenya ko igihugu ca Djibouti gifise ubushuhe bungana na degré 32 kuri uno munsi wa kabiri. Ubwo bushushe ntiburi kure cane y’ubwo mu Burundi, ivyo navyo bikazofasha abakinyi b’intamba mu rugamba, mu gihe tuziko ubushuhe buhora bubangamira abakinyi b’Abarundi iyo bagiye mu bihugu bishushe.

Urutonde rw’abakinyi bagiye guserukira Uburundi :

1. NDAYISHIMIYE Hussein akina muri Messager Bujumbura

2. NININAHAZWE Bienvenu wo muri Messager Ngozi

3. BAYIZERE Olivier akina muri Messager Ngozi
i
4. BIGIRIMANA Issa wo muri Lydia Ludic Burundi Académie

5. BIZIMANA Hassan wo muri Inter star

6. HAkizimana Alexis akina muri Athletico Olympic

7. MPAWENAYO kevin- Raoul / Athletico Olympic

8. MUBANGO Tresor wo muri Athletico Olympic

9. MUHUZA Patient wo muri Royal Fc

10. MOUSSA Omar akina muri Flambeau de l’Est

11. MVUYEKURE Emmanuel wo muri Lydia Ludic Burundi Academic

12. NDAYIZERE Vovo Selemani wo muri Vital’O Fc

13. NININAHAZWE Fabrice akina muri Lydia Ludic Burundi academic

14. NIYONKURU Nassor wo muri Athletico Olympic

15. NSHIMIRIMANA David akina muri Flambeau de l’Est

16. SABUMUKAMA Enock wo muri Messager Ngozi

17. UWAYEZU Nice-Francky wo muri Messager Bujumbura

18. IDRISSA Ramadhan akina muri Messager Bujumbura

Umumenyereza : RAINER Wilfried

Icegera c’umumenyereza : Massoudi IRAMBONA

Umumenyereza w’abanyezamu : Amidou Hassan


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.