Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi b’umupira w’amaguru 10 ba mbere banyaruka kw’isi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi b’umupira w’amaguru 10 ba mbere banyaruka kw’isi

Abakinyi b’umupira w’amaguru 10 ba mbere banyaruka kw’isi

vendredi 11 Gitugutu 2013

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, mu biharuro rifise vyerekeye umuvuduko w’abakinyi b’umupira w’amaguru kw’isi baragize urutonde rw’abakinyi 10 ba mbere banyaruka kw’isi. Uwo rutonde rukaba rwakozwe unyuma y’icirwa cakozwe mu mirwi yose irizwi na FIFA.

Ishirahamwe FIFA rifatiye ku biharuro rifise ku mirwi yose yo kw’isi, barashoboye kugira urutonde rw’abakinyi b’umupira w’amaguru 10 ba mbere banyaruka kw’isi. Umukinyi aza mu kibanza ca mbere akaba akomoka muri Équateur, ubu akina mu murwi wa Manchester United. Izina ryiwe ni Antonio Valencia . Uwo mukinyi akaba afise umuvuduko ungana n’ibirometero 35,1 kw’isaha (35,1 Km/h). Mu kibanza ca kabiri hakaba hari uwitwa Gareth Bale afise umuvuduko w’ibirometero 34,7 km/h kw’isaha (34,7 km/h). Uwuza mu kibanza ca 3 akaba ari Aaron Lennon yiruka ku muvuduko w’ibirometero 33,8 kw’isaha.

Abandi bakurikira aba bakinyi batatu kuri urwo rutonde nabo ni aba bakurikira:

Cristiano Ronaldo aza mu kibanza ca 4: afise umuvuduko w’ibirometero 33,6 km kw’isaha;

Theo Walcott, aza mu kibanza ca 5: afise umuvuduko w’ibirometero 32,7 km kw’isaha;

Lionel Messi, aza mu kibanza ca 6: afise umuvuduko w’ibirometero 32,5 km kw’isaha;

Ubw’indwi haza Wayne Rooney, ubw’umunani hari Franck Ribéry, ubw’ucenda haza umukinyi Arjen Robben. Uwusozera urwo rutonde rw’abakinyi 10 akaba ari Alexis Sanchez.

Kuri urwo rutonde, kuva kuwuri mu kibanza c’7 gushika ku w’10 bafise umuvuduko uri hagati y’ ubirometero 30 hamwe na 32,5 kw’isaha.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.