Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi b ‘umupira w’amaguru b’Ubufaransa bavuye mu menyo y’ingwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi b ‘umupira w’amaguru b’Ubufaransa bavuye mu menyo y’ingwe

Abakinyi b ‘umupira w’amaguru b’Ubufaransa bavuye mu menyo y’ingwe

mercredi 20 Munyonyo 2013

Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru w’Ubufaransa waraye ugize ibitangaza bitari bwaboneke muri kahise k’umupira w’amaguru kw’isi, aho bwatsinda urukino rwo gusubiza, batsinda igihugu ca Ukraine ibitsindo 3-0, Ukraine rero yari yatsindiye iwabo 2-0.

Mu rukino rwa mbere, Ubufaransa bwari bwatsinzwe 2-0 n’umurwi wa Ukraine. Urukino rwogusubiza, abakinyi ba Deschamps baje bazikenyeye ziraguma, kugira i tike ribatwara muri Bresil ntiribacike. Ku kibuga c’Ubufaransa, inkumbi irarwa, Ukraine ihatsindirwa nkiyasivye ibitsindo 3-0. Ibintu vyabaye, nta muntu n’umwe yaravyiteze kuko ntivyari bimenyerewe ko imirwi itsinda inkino zo gusubiza, aho hakaba hari kuri uyu wa kabiri mw’ijoro, igenekerezo rya 19 Munyonyo.

Umurwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru mu Bufaransa ukaba waheruka kwidogerwa n’abatari bake mu bene gihugu no mu bakunzi bawo, aho vyaboneka ko hari agahaze mu bakinyi b’umumenyereza Deschamps. Bamwe bati, bahaze amahera, abandi ngo n’ubwirate bwabo, ariko hakaboneka abakinyi muri bo b’imboneza tutibagiye nka Franck Ribery akina muri Bayern de Munich, Karim Benzema akina muri Real de Madrid, n’abandi nka Patrice Evra akina muri Manchester United.

Umurwi wa Ukraine wasa n’uwizeye kuzojana n’iyindi mirwi nka Cote d’Ivoire, Portugal n’iyindi muri Bresil mw’ihiganwa ry’isi yose ryo mu mwaka w’2014. Bati:’’N’uburi ku munwa burakoroka!’’. Ku munota wa 47. Ku munota wa 22, Sakho arugurura imihora mu kwinjiza igitsindo ca mbere, kivuye mu minwe y’umunyegori wa Ukraine. Urukino rw’inguvu rurakomeza, ku munota wa 28 Benzema arinjiza umuhagarikizi aracanka, ariko ntiyacika intege, inyuma y’iminota 6, aca ariyusura iyi mirwi iba iranganije mu gice ca mbere c’urukino.

JPEG - 71.2 ko
Sakho

Igice ca kabiri, Ukraine ntiyorohewe, Ku munota wa 47, Yevgen Kacheridi yaronkejwe ikirata y ‘umuhondo ya kabiri kw’ikosa akoreye Ribery, aba arasohotse ikibuga, basigara ari 10. Sakho ntiyashizwe, Ku munota wa 70, aronsa umurwi wiwe uburenganzira bwo kuja guhiganwa n’ibindi bihugu mu kwinjiza igitsi ca gatatu. Abafaransa bariruhutsa.

Francois Hollande, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa yumvise ivyo yaciye aza kurorera umupira naho yaje ku munota wa nyuma, ntiyisigiye gusiba. Ati : ‘ n’iteka ku gihugu cose, naho bishika umuntu agashavura , uno munsi n’umunezero ntangere‘.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.