Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi ba Guinée Equatoriale bashizwe ku rutonde rw’abakozi ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi ba Guinée Equatoriale bashizwe ku rutonde rw’abakozi ba (...)

Abakinyi ba Guinée Equatoriale bashizwe ku rutonde rw’abakozi ba Reta

vendredi 13 Ruhuhuma 2015

Abakinyi b’umurwi nserukira gihugu wa Guinée Equatoriale bahora mu nkino za CAN 2015 baraye bashizwe ku rutonde rw’abakozi ba Reta ya Téopdoro Obiang Nguema.

Mugushira abakinyi b’umurwi nserukira gihugu uzwi kw’izina rya Nzalang Nacional, abakinyi bahawe umubonano mu biro vy’umukuru w’igihugu Téopdoro Obiang Nguema aca abashira ku rutonde rw’abakozi ba Reta. Ayo makuru atangwa n’imboneshakure y’igihugu, yemeza ko bashimiwe nk’intwari z’igihugu (héros).

Abakinyi ba Nzalang bahawe imiriyoni 20 z’ama FCFA (20 millions de FCFA) yatanzwe n’ibanki yo muri ico gihugu yitwa "CCEI bank". Iyo Banki yabashimiye kubera intsinzi Nzalang yatsinze Tunisie mu gice ca 4 c’inkino za CAN 2015.

Umunyezamu Felipe Ovono niwe yashikirijwe ako gapfungo k’amahera kubera ukuntu yitwaye muri izo nkino.

Inyuma y’uwo mubonano, abakinyi bavuye mu mahanga baciye basubira mu mirwi bari baje bavamwo.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.