Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi ba Judo bafashwe minenerwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Abakinyi ba Judo bafashwe minenerwe

Abakinyi ba Judo bafashwe minenerwe

vendredi 27 Kigarama 2013

Abakinyi b’abarundi barafatwa nabi ariko baryumako. Ivyashikiye abakinyi b’urukino rwa Judo ni akamaramaza. Kubera umutima wo gukunda inkino ntikibuza ko imidari baza bayizanye.

JPEG - 24.2 ko
Ndikumana Alex, arongoye umurwi wa Judo mu Burundi

Hari kw’igekerezo 16 Kigarama aho abakinyi bakina urukino rwa judo bafata imodoka bagana i Bukavu, aho bari bagiye kw’itaba ihiganwa rwahuza imirwi y’ibihugu bigize akarere k’ibiyaga bini«Pays des Grands Lacs». Bageze ahitwa i Bugarama mu Rwanda, ingorane zari zitanguye kurara. Bwari bwije, abarongoye akarere bati subira inyuma ntaho dufise tubaraza, aho bararonse utwo batamira kuko bari bashonje cane, baca basubira ku mupaka w’Uburundi n’Urwanda. Aho ntibinjira mu Burundi mu gihugu cabo, baciye basabwa kuja kurara k’umupaka w’igihugu ca congo n’Urwanda, hari igihe c’isaha zitanu zijoro. Igihe c’isaha zine z’igitondo, niho Abacongomani baza ku batora babatwara i Bukavu ahari kubera inkino. Bashikiye mu nzu isa niyahebwe, baragomvye kuhanka ariko kubera indero n’ubwitonzi baremeye baraharara, ariko babemereye ko buca babakura muri nya vumbi. Kuva mu gitonda nta n’amazi bari bwa nywe. Haheze umunsi wose ataco bashize ku munwa, barabazaniye icayi n’umukate.

Vyari bitegekanijwe ko amahiganwa atangura igenekerezo rya 18 Kigama akarangira kuri 19 aho i Bukavu. Ibintu birahindutse, amahiganwa azobera i Goma, abakinyi ba Judo iyo nkuru mbi yarabaciye intege, kuko babwiwe ko bagenda n’imodoka yabo, iyo nayo yagenda nabi cane, yari rwaye, ndetse ni vyo, ntiyategerezwa kurenga aho i Bukavu. Uwurongoye urukino rwa Judo i Kinshasa yemera kubarihira ubwato, iyo ataba we bagira bagaruke. Ngabo baruriye ubwato bagiye i Goma, aho hari ku munsi wa gatanu, urugendo rw’amasaha 12, inzara mu nda n’uburuhe.

Muri Hotel des Grands Lacs ni ho bashikiye, bakiyumva bagirango uburuhe n’inzara birarangiye. Inkuru mbi, muri Hotel nta bitanda biriyo, babiri bategerezwa kuryamana. Barundi b’imirundi ibiri ntibavyanse na kare bari bamwe. Aho hose nta nama y’uko inkino zigenda yari bwa be. Urukino rwa Judo rugabuwe ku biro umukinyi aba apima, bobo vyari vyagabanutse kubera inzara. Karabagega Paterne ni we yagiye aherekeje abo bakinyi, ntako atagize ngo ahembure abana bagira bamupfire mu minwe, yarabafashije kwiyungungunganya maze barafungura ubwa mbere. baca bahabwa icizere ko bagira babakure muri iyo hotel bimukire mu yindi, bobo bibaza ko yoba ari nziza. Eka da!ntiyagira amazi, amatara yaguma acika. Sinzi umugira neza bateye ikigongwe araheza abagurira amata, hama bararira ayo mata, hari hageze ko umwe wese yimenya uko afungura kuko hari hamaze kuboneka abana baraba kubera inzara. ku munsi w’Imana, amahiganwa agira atangure, bahamagaye uwagiye abaherekeje ari we Paterne, bamubwira ko batitaba inkino n’ikigoyi mu nda.

Uwo yarabumviye maze, abasabira amafaranga y’icayi n’utwo gufungura, ivyo yarabikoze, hama barahiganwa. Abakinyi ba Judo b’Abarundi bari bazi icabajanye, bari bagiye kurondera itsinzi kandi barayironse. Baciye baba aba mbere. Imidari 4 y’inzahabu, 6 ya «Argents», n’umwe w’umujumbu, barayambitse Abarundi. Uburuhe inzara n’inyota bariruhutsa, ariko no gusubira i Bukavu ntiborohewe,
Bashitse i Burundi ejo hahise kw’igenekerezo rya 25, kuri Hotel Remhotel bahora babakirira nta n’inyoni bahasanze, umwe wese yaciye afata inzira imujana iwabo gusangira Noel n’abandi.

Basaba ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama kwitaho abakinyi kuko izo ngorane zose bazigira kuko ata mahera bari bafise, bari bazeye inze.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.