Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi ba mbere b’abanyafrika bakomamakomeye bakinye muri PSG - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi ba mbere b’abanyafrika bakomamakomeye bakinye muri PSG

Abakinyi ba mbere b’abanyafrika bakomamakomeye bakinye muri PSG

mercredi 15 Rusama 2013

Kuri uyu w’Imana urangiye, igenekerezo rya 12 Rusama 2013, PSG(Paris Saint-Germain) yaratahukanye intsinzi y’ihiganwa y’umupira wa maguru mu gihugu c’ubufaransa. Ikaba igira gatatu mu gutsinda umurwi wa Lyon kimwe k’ubusa, inyuma y’itsinzi yo mu 1986 n’i 1994 bari batahanye.

Mu gihe umurwi w’i Paris uri mumyiteguro yo gukeza abahizi bayo, ibirori bikazokwerekanwa ahagaragara, umurongo wa « Jeune Afrique » ubasaba gukurikirana urukurikirane rw’abakinyi bakomakomeye b’abanyafrika babiciye bigacika mumwambaro wayo w’ubururu n’uwutukura.

1. Geaorges Weah(1992-1995)

«Mister George» ni umukinyi w’ umunyafrika akomeye yamenyekanye cane m’umurwi w’umugwa mukuru w’ubufaransa. Yamenyekanye ku bitsindo bishika 55 yinjije mu nkino zigera kw’i 137 muri PSG, George Weah yanezereje abakunzi b’umupira bo mu gisagara ca Paris kuva mu 1992 gushika 1995.
Uwo umunyaliberiya yinjije ibitsindo vyinshi, ubu n’umukinyi akomeye mu murwi uzwi cane wa PSG, akaba aza imbere ya Bernard Lama, David Ginola canke kandi « Umuganwa » Rai.

Uwo murwi w’ i Paris uhiganwa n’ ibihangange vy’i buraya ugaca ubica bigacika mu mahiganwa abera muri uwo mugane w’i buraya.
Weah, umunyabwenge cane mukwinjiza ibitsindo vyinshi mu mwanya muto, yaciye yigaragaza mu kanya gato m’umugabane wa buraya.
Kuva mu ci z’umwaka 1995, yaciye ava muri Paris aja muri Milan AC, aho yaciye aba umukinyi wa mbere w’umunyafrika akomeye mukwigarurira akabumbu mu kibuga c’umupira w’amaguru.

2. Mustapha Dahleb (1974-1984)

Mustapha Dahleb ni umukinyi w’umunya Algeria yavukiye i Bejaia ahambaye mu murwi wa PSG.Yamaze imyaka ishika 10 mu murwi, kuva mu mwaka w’i 1974 gushika 1984. « Mouss » yatanguye ari umukinyi w’impera y’umurongo w’umusatirizi mu nyuma aca aja hagati y’ikibuga. Yinjije ibitsindo bishika kuri 98 muri iyo myaka 10 yamaze ari mu murwi wa PSG, bica bimugira umukinyi wa gatatu akomeye w’uwo murwi inyuma ya Pauleta na Rocheteau.

K’uruhande rw’intonde rw’ingene bakurikirana, Mustapha Dehleb, niwe yatahanye ibikombe bibiri vya mbere vy’umurwi wa PSG mu mwaka w’i 1982 n’i 1983. Mu mwaka w’i 1984, yaciye ava Paris aja muri Nice. Yarakinye akanya gato imbere yuko yigarurira burundu ibirato vy’umupira w’amaguru.

3. Jay Jay Okocha (1998-2002)

Jay Jay Okocha yatangaje abamenyereza b’umurwi PSG m’urikino rw’igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 1998 cari categuwe n’Ubufaransa. Yarafise inomero 10 mu murwi nserukiragihugu wa « Super Eagles » wo mu gihugu ca Nigeria, yarerekanye umubenyi n’ubuhizi afise mu gukina umupira w’amaguru neza, ari naho yaciye amenyekana kw’isi yose. Yaciye agurwa amafaranga yababa imiliyoni ijana ku murwi w’abanya Turkiya wa Fenerbahce, aca umukinyi w’umunyafrika yaguzwe menshi gusumba abandi, aca ashikira gukina hagati mu kibanza c’abasatirizi mu murwi wa PSG mu mwaka w’i 1998. Yaza arakuranwa aja hejuru, akaja hasi mu gihe myaka ine yamaze muri uwo murwi w’i Paris. Jay Jay Okocha ntiyibagiranwe, yagumye yibukwa nk’umukinyi azi gucenga cane umupira mu buryo buhanitse.

4. Ali Benarbia (1999-2001)

Ali Benarbia yashitse mu murwi wa PSG mu mwaka w’i 1999 mu ci, aje ava i «Girondins de Bordeaux ». Uwo munya Algeria, yagizwe umukapitaine na Philippe Bergeroo, mu kanya gato acaba uwigisha abandi mubambara umwambaro usa n’ubururu n’uwutukura. Mu mwaka wa mbere muri uwo murwi, yatwaye ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa ryo m’Ubufaransa. Mu mwaka ugira kabiri, Benarbia ntiyasubiriye kuja ahagaragara, yaciye asubira inyuma kuko yahiganwa n’urwaruka ruzwi gukina cane, nka Luccin, Dalmat canke Arteta. Muri Mukakaro umwaka w’i 2001, yaciye ava muri PSG aja i Manchester City.

5. François M’Pelé (1973-1979)

Ku Bitsindo bigera kuri 97 yinjinje mu mwambaro w’ubururu n’uwutukura, François M’Pele n’umukinyi agira kane yinjije ibitsindo vyishi muri PSG, inyuma ya Mustapha Dahleb.Yavutse mu mwaka w’i 1947 i Brazzaville. Uwo musatirizi w’umukongomani niwe mukinyi wa mbere w’umunyafrika yambaye umwambaro w’amabara ya PSG.Yahakiniye imyaka itandatu, hagati y’i 1973 n’i 1979,ariko nta gikombe na kimwe yahatsindiye.

6. Nabatingue Toko (1980-1985)

Nabatingue Toko, umusatirizi w’umunya Tchad, afise igikuriro giteye ubwoba,yinjiye nu murwi wa PSG igenekerezo rya 28 Nyakanga 1982. Kuri uwo muhingamo, mu kibanza citiriwe « Parc des Princes » mu gihe bariko barakina n’umurwi wa Bulgares w’i Lokomotiv Sofia, yarinjije igitsindo ca mbere c’umurwi wa PSG mu gikombe c’ibihugu vya Buraya. Aca ashoboza umurwi wiwe kwerekana ko adasanzwe mukugira agatebetebe.

Urukino ruheze, mu gihe umumenyeshamakuru yamubaza ko ari igitsindo ca mbere ciza yinjije, aca abishura afise ivyemezo : « Oyaha ! Namwe muranzi, ndamaze kwinjiza vyiza bisumba ico ! » Mu myaka itanu yamaze mu murwi wa PSG, kuva mu mwaka w’i 1980 gushika mu mwaka w’i 1985,Toko yinjije ibitsindo bigera kuri 45.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.