Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Abakinyi barahiye gusubira mu kibuga bataronkejwe amahera Reta (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Nigeria : Abakinyi barahiye gusubira mu kibuga bataronkejwe amahera Reta (...)

Nigeria : Abakinyi barahiye gusubira mu kibuga bataronkejwe amahera Reta yabemereye

vendredi 27 Ruheshi 2014

Abakinyi bo mu gihuguca Nigeriya baransa kubandanya imyimenyerezo yo kwitegurira inkino zo mu gice c’umunani c’amahiganwa y’igikombe c’isi mu gihugu ca Bresil. Basaba kuronswa amahera bemerewe guhabwa na reta yabo bashoboye gushika muri ico gice.

Inyuma yaho igihugu ca Nigeriya kironkeye uburenganzira bwokubandanya mu gice c’umunani c’amahiganwa, abakinyi barahiye kubandanya imyimenyerezo. Abo bakinyi basaba kuronswa amahera reta yabo yemeye kuzobaha hamwe bashitse mu gice c’umunani c’amahiganwa. Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo muri Nigeriya (Federation Nigeriane de Football)rivugako ridashobora kuronka ayo mahera ubu bwa vuba, ritera akamo gukorera abo bakinyi ivyo yemeye.

Ku rundi ruhande, abakinyi bararahirako badasubira mu kibuga batayaronse, bafise ubwoba ko batayaronse imbere y’uko bakina n’igihugu c’Ubufaransa bohava batsindwa hanyuma bagaca bareka kuyabaha. Urwo rukino ruzoba ku munsi wa mbere igenekerezo rya 30, isaha cumi na zibiri(18h00).

Bahagaritse imyimenyerezo kuri uwo wa kane w’igenekerezo rya 26 Ruheshi mu gihe abajejwe kubaherekeza mu myimenyerezo bari babarindiye, nabo baranka gusohoka. Naho biri uko, icegera c’umunyabanga w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Nigeriya, Musa Amadu yavuye i Sao Paulo agenda i Abuja gusaba reta ko yotanga amahera bemereye abakinyi. Si ubwa mbere abakinyi b’umurwi nserukira gihugu ba Nigeriya bahagarika imyimenyerezo kubera uburusho bemererwa ntibaburonswe.

Mwomenyako n’abakinyi ba Cote d’Ivoire bari banse kubandanya inkino kubera bataronkejwe amahera. Ico gihe reta yaciye iyarungika vyihuta maze maze abakinyi babona gusubira mu kibuga naho batagize amahigwe yo kubandanya.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.