Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi bagandaye kuko batazoja muri Bresil - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi bagandaye kuko batazoja muri Bresil

Abakinyi bagandaye kuko batazoja muri Bresil

jeudi 21 Munyonyo 2013

Ibihugu vyose vya rutura mu mupira w’amaguru kw’isi vyaramaze gutabuza ama tike yo kuzokwitaba ihiganwa ry’umupira w’amaguru rizoba muri Ruheshi 2014 mu gihugu ca Brezil. Ariko hari ibihangange vy’abakinyi bitaronse ayo mahirwe yo gushikayo. N’abakinyi 11 basa n’abagize umurwi kandi uwo murwi udasanzwe.

Imirwi yanyuma izokwitaba iryo higanwa iheruka kumenyekana, n’iguhugu c’Ubufaransa, Portugal, Mexique, eka na Uruguay ntikekeranya. Ariko iryo higanwa hari ibihangange bizororera uwo mupira ku mboneshakure.

Ehe !Zlatan Ibrahimovic afise imyaka 32, umukinyi w’igihangange aturuka mu gihugu ca Suede, ico naco nticashaboye kuronka amahirwe yo kuzokwita ayo mahiganwa. Ese iyo ico gihugu gisiba ariko kikarungika Zlatan, uwo n’umusatirizi akomeye cane mu murwi wa Paris Saint Germain. Abakinyi baturuka mu gihugu ca Galles, Gareth Bale akina mu murwi wa Real Madrid na Aaron Ramsey wo muri Arsenal ntibazohonyoza ikirenge mu kibuga ca Bresil.

Hari n’abandi nka Lewandowski, Hamsik, Eriksen, Turan, Aboutrika...,Robert Lewandowski afise imyaka 25, n’umusatirizi akomeye cane mu murwi wa Pologne, akinira umurwi wa Borussia Dortumund, Hamsik Marek afise imyaka 26, akinira umurwi nserukira gihugu wa Slovie, Eriksen aturuka mu gihugu ca Danmark akina muri Tottenham, AridaTuran akina muri Atletico Madrid, Aboutrika w’imyaka 35 akinira umurwi nserukira gihugu wa Egypte, Henrikh Mkhitaryan akina muri Borussia Dortmund na Andriy Yarmolenko akina muri Dynamo Kiev. Abo bakinyi bose bari bipfuza kuja muri Bresil ariko ntiberewe, abakunzi babo bari bakeneye kuzobabona muri Bresil. Muri wa murwi w’indoto abo bokina hagati (attaquant).

Abokina inyuma (defenseur), ese kubona David Alaba akina muri Bayern Munich, Neven Subotic akina muri Borussia Dortmund, Dan Agger akina muri Liverpool, Branislav Ivanovic akina muri Chelsea na Lukasz Piszczek Borussia Dortmund, batazobona abakinyi binjiza nka Cristiano Ronaldo, Neymar, n’abandi! Eka n’uwufata umupira wa Chelsea Petr Cech ntazohonyozayo ikirenge.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.