Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi baserukiye Uburundi muri CECAFA KAGAME Cup 2014 baridoga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi baserukiye Uburundi muri CECAFA KAGAME Cup 2014 baridoga (...)

Abakinyi baserukiye Uburundi muri CECAFA KAGAME Cup 2014 baridoga cane

vendredi 15 Myandagaro 2014

Inkino za CECAFA KAGAME Cup 2014 zigeze mu gice c’umunani c’amahiganwa, imirwi nserukira bihugu irabandanya igice c’ikurakuranamwo.

Urutonde rw’inkino zabaye tutabashikirije, vyagenze uku gukwirikira :

1) Igenekerezo rya 13 Myandagaro:

- Igihe c’isaha indwi (13h 00) : Atletico Olympic yo mu Burundi yakinye na KCCA yo muri Ouganda. Kuri "penalty"yatewe n’Ubuganda, Atletico yaciye itsindwa 1-0

- Isaha icenda ( 15h00) : APR FC yo mu Rwanda yirahiye Telecom yo muri Djibouti 1-0, ico gitsindo umuhagarikizi ntiyagihurije na bagenzi we bo ku mpande ariko yaracemeje.

2) Igenekerezo rya 14 Myandagaro

- Isaha indwi (13h00): Adama city yanganije na Atlabara (1-1)

- Isaha icenda (15h00): Police FC yatsinze Benadir (3-1)

- Isaha cumi n’imwe (17h00) : Rayon Sports itsinda KMKM ( 1-0)

Ku rutonde rw’uno munsi w’umunani w’inkino inkino ziri uku gukwirikira:

- Isaha indwi (13h00): Atletico Olympic ikina na Djibouti Telecom

- Isaha icenda (15h00): El Merreikh itana mu mitwe na Vital’o

- Isaha cumi n’imwe (17h00): APR FC ikina na Gor Mahia

Mwomenya ko biguma bivugwa ko abakinyi bagiye guserukira Uburundi muri ayo mahiganwa bidoga cane kubera ukuntu bafashwe. Ubushikiranganji bubijejwe buvuga ko ata mahera busigaranye ko kandi abarongonzi ba CECAFA ari bo bategerezwa gutunganiriza abo bakinyi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.