Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi batatu bahiganirwa "Ballon d’Or"bamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi batatu bahiganirwa "Ballon d’Or"bamenyekanye

Abakinyi batatu bahiganirwa "Ballon d’Or"bamenyekanye

mardi 2 Kigarama 2014

Hasigaye iminsi mikeyi ngo ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru (FIFA)ritange umupira w’inzahabu. Abahiganirwa uwo mupira bamaze kumenyekana. Umumenyereza wa mbere, n’umukinyi yinjije igitsindo ciza bazotorwa muri batatu bariko bahiganirwa ivyo bibanza.

Mu kibanza c’umukinyi wa mbere azohabwa umupira w’inzahabu(Ballon d’Or) gihiganirwa Cristiano Ronaldo akina muri Real Madrid, Lionel Messi wa FC Barcelone na Manuel Neuer umunyezamu w’Ubudagi. Cristiano Ronaldo yatwaye umupira w’inzahabu mu mwaka w’i 2013 na 2008, Lionel Messi nawe amaze gutwara imipira y’inzahabu ine ikurikirana: 2009, 2010, 2011, na 2012. Kuva umupira w’ inzahabu utangwa, umaze gutwara umunyezamu umwe, nawe ni Lev Yachine (URSS) mu mwaka w’ 1963. Ivyo rero bitanga icizere gike kuri Manuel Neuer.

Agashimwe k’umumenyereza wa mbere gahiganirwa Carlo Ancelotti wa Real Madrid, Joachim Löw w’Ubudagi hamwe Diego Simeone wa Atletico. Carlo Ancelotti kubera umurwi wiwe watsindiye amahiganwa ya Champions Ligue umwaka w’ i 2013, Joachim Löw nawe n’uko yatwaye igikombe c’isi cabereye muri Bresil uyu mwaka nyene, Diego Simeone nawe n’uko yatsindiye ihiganwa ryo muri Espagne "La Liga".

Abakinyi bahiganirwa agashimwe gahabwa umukinyi yinjije igitsindo ciza gahiganirwa James Rodriguez avuka muri Colombie, Van Persie n’umwigeme Stephanie Roche. James Rodriguez yatowe kubera igitsindo yinjije abanje gushira umupira ku gikaraza agaca awutera udakoze hasi, hari mu rukino Colombie yakinye na Uruguay mu gikombe c’isi. Ico gihe Colombiya yaciye itsinda 2-0 bwa Uruguay. Van Persie nawe yatowe yinjije umupira n’umutwe igihe Pay- Bas yatsinda Espagne 5-1. Umwigeme Stephanie Roche yatowe kubera igtsindo yinjije abanje kugira ico bita "jongle" incuro zibiri agaheza agatsinda igitsindo ntibagirwa, uwo mwigeme akina muri Albi umurwi wo mu Bufaransa.

Raba aha munsi ingene ibitsindo vyakarorero vyinjiye


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.