Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi cumi bahiganirwa igikombe c’umukinyi yarushije abandi muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi cumi bahiganirwa igikombe c’umukinyi yarushije abandi muri (...)

Abakinyi cumi bahiganirwa igikombe c’umukinyi yarushije abandi muri Afrika

jeudi 5 Kigarama 2013

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika, CAF (Confédération Africaine de Football) ryashize ahabona kuri uwu wa kane igenekerezo rya 5 Kigarama 2013, mu gisagara ca Kayiro, urutonde rw’abakinyi cumi bo mu muri Afrika bahiganirwa ikibanza c’umukinyi mwiza wa mbere w’umwaka w’2013. Urwo rutonde rw’abakinyi cumi rwabonetseko abakinyi bane bose bo mu gihugu kimwe ca Nigeria, aribo Ahmed Musa, Emmanuel Emenike, John Obi Mikel na Vincent Enyeama.

Urutonde rwari rwatanzwe rwagabanijwe gushika kuri cumi basigara bahiganirwa ikibanza c’umukinyi wo muri Afrika wa mbere yigenjeje neza mu mwaka w’2013. Didier Drogba na Yaya Touré (afise ako gashimwe kabiri) nabo nyene bari muri abo cumi basigaye.
Abandi baboneka ku rutonde ni Asamoah Gyan wo muri Ghana, Jonathan Pitroipa wo muri Burkina Fasso, ari nawe yabaye umukinyi mwiza mu nkino z’igikombe ca Afrika co mu mwaka w’2013, Pierre-Emerick Aubameyang, hamwe na Mohammed Aboutrika wo muri Egypte.

Abazotorwa bazoronswa agashimwe ku genekerezo rya 9 Nzero umwaka w’2014, mu gisagara ca Lagos. Abasigaye cumi mw’ihiganwa ni aba bakurikira :

Ahmed Musa (Nigeria / CSKA Moscou)
Asamoah Gyan (Ghana / Al Ain)
Didier Drogba (Côte d’Ivoire / Galatasaray)
Emmanuel Emenike (Nigeria / Fenerbahçe)
John Obi Mikel (Nigeria / Chelsea)
Jonathan Pitroipa (Burkina Faso / Rennes)
Mohammed Aboutrika (Egypte / Al Ahly)
Pierre-Emerick Aubameyang (Gabon / Borussia Dortmund)
Vincent Enyeama (Nigeria / Lille)
Yaya Touré (Côte d’Ivoire / Manchester City)


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.