Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakobwa barakumirwa cane mu bihugu bikoresha igifaransa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abakobwa barakumirwa cane mu bihugu bikoresha igifaransa

Abakobwa barakumirwa cane mu bihugu bikoresha igifaransa

mercredi 8 Nzero 2014

Abakuru b’ibihugu bo muri Afrika bakunze gusubirizwa ku butegetsi n’abahungu babo, ivyo rero biratandukanye ku bakobwa aho bobo usanga ataco babaha. Ubu rero hageze ko bava hasi barondere ubutegetsi gushika no kuba abakuru b’ibihugu.

Bikunze kwibonekeza aho abana b’abahungu bavuka ku bakuru b’ibihugu biborohera gushika ku butegetsi, ariko bashiki babo ugasanga bahabwa ibiti vy’abanyamabanga, canke abahanuzwajambo eka ugasanga bajejwe amabanga atako ameze kuko kenshi usanga batarekuriwe kwitoza.

Iyo nyifato iribonekeza cane mu bihugu vyo muri Afrika bikoreshwa ururimi rw’igifaransa. Uburorero buriho. Mu muryango wa Bongo Ondimba, hari abakobwa babiri, umwe ni Ounaïda, adasangiye abavyeyi bose n’umukuru w’igihugu wa Gabon Ali Bongo umuhungu wa Omar Bongo. Hari na Malika, umukobwa w’uwo mukuru w’igihugu. Ounaïda, mu kwezi kwa Gitugutu 2013, yagenywe kuba umuhanuzi rutura n’umutunganyabikorwa« coordinatrice» ajejwe guhanahana amakuru mu biro vya Ali Bongo. Malika, umukobwa wa Ali Bongo, mu kwezi kwa Kigarama 2013 yagenywe kuba umuhanuzi mu gisagara ca Akanda. Uwo wa nyuma azwi cane mu bikorwa ndangabuntu «Actions Humanitaires» yakora, arazwi cane nk’uwateguye ihiganwa ry’umwigeme mwiza wo muri Gabon ryabaye mu mwaka w’2013, igenekerezo rya 14 Kigarama.

JPEG - 30 ko
Makila, umukobwa wa Ali Bongo

Mu gihugu ca Congo Brazaville kirongowe na Denis Sassou Nguesso, Claudia Sassou Nguesso, umukobwa wiwe yaratowe kuba umushingamateka mu ntara ya Talangaï, aho yahora ari umuhanuzi wo gutanga amakuru kwa se.

Abagore ntiboroherwa kwicara ku ntebe y’umukuru w’iguhugu. Bishobora kuba biva ku bavyeyi babo. Justine M’Poyo Kasa-Vubu yabaye umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta ku ntwaro ya Laurent-Désiré Kabila umwanya urume rumara, niwe abizi kuruta abandi. Mu gihe yari mu mugambwe «Union pour la Democratie et le Progres Social» utavuga rumwe na Etienne Tshisekedi, yaciye agerageza kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2006 ariko ntayashoboye gutorwa.

JPEG - 83.2 ko
Justine M’Poyo kasavubu

Muri Cameroun haravuzwe cane izina rya «Aminatou Ahidjo» ko agomba kwitoza ku ntebe y’umushikiranganji, Paul Biya yaciye akura ku rutonde iryo zina kandi ariwe Aminatou yazigako urukiriro.

Ibintu ntibimeze uko mu bihugu vyo muri Afrika bikoresha ururimi rw’icongereza. Muri ivyo bihugu abakobwa canke abagore barafise ijambo. Samia Nkrumah, umukobwa wo kwa Kwame Nkrumah arongoye umugambwe «Parti de la Convention du Peuple» akeneye kugarukana agatima ko gukunda Afrika nk’uko iryo semo ryari ryatangujwe na se wiwe aho intwaro yiwe itembagarijwe mu mwaka w’1966. Samia avuga ati : « Naratahuye ko kuba umukobwa wa Nkrumah bisigura kuba umukobwa wa Ghana canke wa Afrika ». Muri ivyo bihugu haraboneka abagore batari bake bafise amabanga akomeye mu bihugu vy’abo, harimwo n’abo usanga ari abakuru b’ibihugu. Harimwo nka Ellen Johnson- Sirleaf wo muri Liberiya, Joyce Banda wo muri Malawi na Jomoro yatowe mu bashingamateka muri Afrika y’epfo asigaye abonwa nka Mandela mushasha.

JPEG - 36.7 ko
Ellen Johnson Sirleaf
JPEG - 63.6 ko
Joyce Banda

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ego basi nivyo kuko abafaransa baradufashe nk abazezwanzu nyene politike ngo ntitunukire ,,,raba na rwanda bariko baradusiga raba basha kandi iyi article abakenyezi twese ni muze tuyivuge ko vyinshi kandi idufashe na cane rwose ko amatora yegereje ,,irya 35% ni muze dusabe alternance ku ma listes mu migambwe,niho abagore tworonka plus de 35%nimba nyene bizemerwa,,,emwe iyi aticle ni evdence raba yemwe....

  • Ego basi nivyo kuko abafaransa baradufashe nk abazezwanzu nyene politike ngo ntitunukire ,,,raba na rwanda bariko baradusiga raba basha kandi iyi article abakenyezi twese ni muze tuyivuge ko vyinshi kandi idufashe na cane rwose ko amatora yegereje ,,irya 35% ni muze dusabe alternance ku ma listes mu migambwe,niho abagore tworonka plus de 35%nimba nyene bizemerwa,,,emwe iyi aticle ni evdence raba yemwe....

  • ego kabisa, iyo bose barikumva nkuko iyi articl ibivuga

  • none mwebwe haruwababujije kwitoza ariko rero mwibukeko akamaro kanyu muri society atarukuba abakuru bibihugu gusa nivyo abakenyezi bakora mumiryango atawundi yobishobora ahatari umukenyezi hahinduka umusaka jewe kubwanje nkabona atakarenganyo karimo ahubwo bamwe badatahura akamaro kabakenyezi mumuryangoko ari ntangere kuko hamwe mwese mwota ingo zanyu mukaja kure yimiryango uko nabivuze muzosanga igihugu cose cabaye umusaka IMANA igirire neza abakenyezi batuvyara bakadutwara amezi cenda munda bashatse botwica bakaduheka mumugongo imyaka irenga 5 Jewe umuntu atabubaha nibazako abafise ingorane mumutwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.