Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakozi 800 000 bashizwe mu gashomeri ku nguvu muri Leta Zunzubumwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abakozi 800 000 bashizwe mu gashomeri ku nguvu muri Leta Zunzubumwe (...)

Abakozi 800 000 bashizwe mu gashomeri ku nguvu muri Leta Zunzubumwe z’Amerika

mercredi 2 Gitugutu 2013

Abakozi bo muri Leta Zunzubumwe z’Amerika bariko bakorana ukugoyagoya. Abakozi bagera ku bihumbi amajana umunani (800 000) bashizwe mu bushomeri ku nguvu, ico bita “Shutdown” bisigura “ukwugara”. Imvo akaba ari ukunanirana kwumvikana kw’aba repubrike hamwe naba demokrate kw’itegeko ry’amafaranga Leta Zunzubumwe z’Amerika zizokoresha mu mwaka w’2014.

Ukunyinyana kuri hagati yaba Repubrike, hamwe n’aba Demokrate ku mafaranga azokorshwa na Leta Zunzubumwe z’Amerika (LZA) mu mwaka w’2014, niyo mamuko yishirwa mu bushomeri ry’abakozi bagera ku 800 000 mu ngingo bita “Shutdown”. Iyo akaba ari ingingo umukuru w’igihugu Barack Obama yafashe inyuma y’uko kuri uyu wa kabiri binaniranye ko hatorwa itegeko ry’amahera LZA (Leta Zunzubumwe z’Amerika) zizokoresha mu mwaka w’2014.

Inama nshingamateka ya LZA irwiriyemwo abo mu mugambwe w’aba repubrike mu gihe inama nkenguzamateka nayo irwiriyemwo abo mu mugambwe w’aba democrate. Izo mpande zibiri zikaba zitumvikana kw’itegeko ry’amafaranga LZA izokoresha mu mwaka w’2014. N’aho hari hamaze iminsi haba ibiganiro hagati y’izo mpande zibiri, ntaco zahavuye zishikako kuri uyu wa kabiri. Ivyatumye haba ugushira mu gashomeri abakozi ba Leta bagera ku 800 000 bitwa ko atari “nkenerwa” cane, aho ni mu gihe iryo tegeko ry’amafaranga LZA izokoresha mu mwaka w’2014 ryari gutegura kuja mu ngiro kuva itarike 1 Gitugutu.

Muri ico gitigiri c’abashizwe mu gashomeri abatakozweko n’iyo ngingo ni abasirikare hamwe n’abakora mu gisata c’ubushakashatsi NASA. Uwundi murwi wabadakorwako n’iyo ngingo ni abaporisi. Ariko abakora mu mazu y’iratiro, mu bibanza vy’akaruhuko (parcs), n’abandi benshi iyo ngingo irabaraba. Ndetse binuganurwa ko abagera ku 400000 bashobora gutakaza akazi kabo burundu. Mwomenya kandi ko abo bashizwe mw’ibarabara bataronkejwe agahembo kabo k’ukwezi kwa Nyakanga.

Barack Obama, akomoka mu mugambwe w’aba democrate, aranegura ingendo y’aba repubrike bashaka gukuraho politike yiwe yo kuvuza abatishoboye. Ingingo ya Shutdown yaheruka kuba muri LZA haraheze imyaka 17. Abahinga muvy’ubutunzi bagaharura muma miriyaridi y’amadorare, agahombo LZA zizogira ku ndwi imwe.


Luc Noel Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.