Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakozi bahembwa amahera make nibo bakunda akazi kabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abakozi bahembwa amahera make nibo bakunda akazi kabo

Abakozi bahembwa amahera make nibo bakunda akazi kabo

vendredi 29 Ntwarante 2013

Kubw’icigwa cashizwe ahabona n’umuhinga muvy’itangwa ry’akazi w’umunyamerika, abakozi bahembwa amahera make nibo usanga bakunda akazi kandi bakama bahimbawe.
Insiguro :
Hakozwe icigwa ku bakozi igihumbi, aho basabwa gutanga amanota, rimwe gushika ku ndwi, ku bibazo bikurikira : « Akazi kanje ndakitangira ijana kw’ijana ? », canke « Nta handi noshima gukorera ? ».

Ubwa mbere, abo bakozi bagizweko ivyigwa babanje gushirwa mu mirwi n’abakoresha babo hisunzwe ibikorwa vy’umwe wese ku mwaka, basanga abakozi bato bato nibo bahimbarwa iyo basigura ivy’akazi kabo.

« Abakozi bato bato baheza akazi kare kandi bagahereza ku bitabavuna cane, bikabafasha kutaruha mu mutwe, ari navyo bituma banezererwa akazi kabo. » Vyasiguwe na Mark Murphy, umuyobozi mukuru wa Leadership IQ.

Ikindi bivako, abo bakozi ntibazi canke ntibigera biyumvira ko boba bafatwa nka bato bato. Mu kazi kabo ka misi yose, nta kindi bashira imbere atari ugushimisha umukoresha wabo, nawe bishitse akabakeza, ivyo birabanezera, bikabafasha kutabona ikibanza bahabwa, ariko riho bakiyumvira ko ari abakozi ngirakamaro nk’abandi bose, naho boba bahembwa make canke ata turusho twinshi bahabwa.


egide nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.