IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Abakozi bo mu bushikiranganji bw’ubutungane bagiye kuronka ibirarane (...)

Abakozi bo mu bushikiranganji bw’ubutungane bagiye kuronka ibirarane vy’imishahara

vendredi 21 Kigarama 2012

Umushikiranganji w’abakozi ba Reta n’akazi arahumuriza abakozi batari abacamanza bo mu bushikiranganji bw’ubutungane kubijanye ni birarane vyabo.
Ngo bagiye kuronswa amafanga yabo y’ibirarane.

Annociata Sendazirasa aramutswa ubushikiranganji w’akazi aremanga ko hari abakozi batari abacamanza bo mu bushikiranganji bw’ubutungane bataronkejwe ibirarane vyabo kuko ama dosiye yabo atari akwiye. Uwo mushikiranganji ngo abo bakozi bazoronswa ibirarane vyabo vyo ku mishahara mu mwaka uza ariko abo bakozi batari abacamanza bo mu bushikiranganji bw’ubutungane ngo bategerezwa kubanza e kwuzuza ama dosiye yabo.

Annociata Sendazirasa, umushikiranganji w’abakozi ba Reta n’akazi avuze ivyo inyuma yaho Pascal Barandagiye umushikiranganji w’ubutungane amaze kumwandikira amakete abiri amusaba ko abakozi batari abacamanza bo mu bushikiranganji bw’ubutungane bagera kuri 96 ko yobatunganiriza kuko abandi bose bakozi bobo bari bamaze kuronswa ivyo birarane.

Abo bakozi 96 batari abacamanza bo mu bushikiranganji bw’ubutungane basaba ibirarane vyabo vy’imyaka itanu vy’amafaranga arenga imilioni 100.


Patrick Wasso

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.