Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakunzi ba FC Barcelone bagandariye umumenyereza Tito Vilanova yitavye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakunzi ba FC Barcelone bagandariye umumenyereza Tito Vilanova yitavye (...)

Abakunzi ba FC Barcelone bagandariye umumenyereza Tito Vilanova yitavye Imana

samedi 26 Ndamukiza 2014

Umubabaro ni wose ku bakunzi, abakinyi n’abarorerezi b’umurwi FC Barcelone, inyuma y’urupfu rwa Tito Vilanova yahoze amenyereza umurwi FC Barcelone, yitavye Imana ku munsi w’ejo kuwa gatanu, ku myaka 45 y’amavuka ahitanwe n’ingwara ya kanseri.

Tito Vilanova yafashwe n’ingwara ya kanseri kuva mu mwaka w’2011. Kuva aho amenyeye ko ayigwaye, amagara yiwe yaciye atangura kutamera neza, gushika aho yinjira ibitaro kuva mu ndwi iheze, mu gisagara ca Barcelone. Ku mugoroba wo ku munsi wa kane, Tito Vilanova yarabazwe, n’aho ataco vyamumariye. Icizere abaganga bari bifise ko yotora imitende cabaye impfagusa, kuko Tito Vilanova, yahoze amenyereza umurwi wa FC Barcelone yaciye yitaba Imana bukeye ku munsi wa gatanu.

JPEG - 51.1 ko
Tito Vilanova yahoze amenyereza umurwi FC Barcelone

Mw’itangazo abarongoye umurwi Barcelone basohoye inyuma y’urwo rupfu, bamenyesheje ko bifadikanije mu mubabaro n’umuryango wiwe, hamwe n’abakunzi ba FC Barcelone, n’ab’inkino z’umupira w’amaguru muri rusangi.
Mu murwi FC Barcelone baciye batanguza ikigandaro, bamenyesha ko batazokwibagira ubutwari uwo yahora amenyereza uwo murwi yerekanye, kuko n’iminsi yamaze ari mu bitaro i New York yama ariko aramenyereza abakinyi ba FC Barcelone biciye ku buhinga ngurukana bumenyi, inkino zose z’uwo murwi akazikurikiranira ku buriri bw’ibitaro, rimwe na rimwe mbere agahamagara avuga abakinyi bosubirizwa n’abokwinjira mu rukino rwaba ruriko ruraba.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.