Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakuru b’abarwanyi babiri barishwe i Darfour - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abakuru b’abarwanyi babiri barishwe i Darfour

Abakuru b’abarwanyi babiri barishwe i Darfour

lundi 13 Rusama 2013

Nk’uko bishirizwa n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, abakuru babiri b’abaroberi i Darfour bari baheruka gutera umukono ku masezerano y’amahoro na Khartum biciwe mu gitero cabereye ku rubibe Darfour ihana n’igihugu ca Tchad, igitero bavuga ko cagizwe n’uwundi murwi w’iterabwoba.

Abarwanyi b’umurwi wiyita Front Révolutionel barakoze igitero c’iterabwoba kuri uyo w’Imana, gihitana abakuru babiri b’abaroberi baheruka gutera umukono ku masezerano y’amahoro. Mohamed Bachar na Arko Dahiya bari mu gikorwa co kugarukana amahoro mu karere ka Yamna gahana urubibe n’igihugu ca Tchad. Ico gitero cakozwe n’abarwanyi b’ikiroberi ca Gibril Ibrahim, umukuru w’umuhari uharanira ubutungane n’ukungana ari nabo bishe abo bakuru.

Ariko rero, uwo muhari urahakana ico gitero,ukavuga ko cagizwe na bagenzi babo bari kumwe mu gutera umukono kuri ayo masezerano y’amahoro na Leta mu burere basanzwe barigaruriye mu buraruko bwa Darfour.

Uwo muhari ubandanya usigura ko n’ikimenyamenya inyuma y’igitero, imodoka zabo zaje zuzuye ibirwanisho bongerako kandi ko aba bagizi ba nabi bafashwa n’igihugu ca Tchad.

Mwomenya ko umuhari wa Mohamed Bachar wari umuhari w’abarwanyi wa kabiri wemeje amasezerano y’amahoro na Leta muri Mukakaro 2011 i Dakar.

Tubibutse ko uwundi mukuru w’abarwanyi baharanira ubutungane n’ukungana yaheruka kwicwa mu gitero cabahuje n’abandi barwanyi muri Ndamukiza.

Darfour akarere kagutse kari mu burengero bwa Soudan karangwa n’ukutumvikana vyatanguye mu kwezi kwa Ruhuhuma 2013, n’imirwi itari iy’abarabu barwanya intwaro ya Khartum. Ukwo kutumvikana kwatumye abantu bagera ku 300 000 bitaba Imana abagera ku miriyoni zibiri n’igice kirenga bata izabo.

Kubwa ONU Khartum iharura abagera ku 10.000 bitavye Imana
Naho ubugizi bwa nabi bwagabanutse, imirwano hagati y’abarwanyi n’ingabo za Leta, ubusuma birabandanya.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.