Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakuru b’ibihugu 53 baramaze kwemeza kuzitabira ibirori vy’ugushingura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abakuru b’ibihugu 53 baramaze kwemeza kuzitabira ibirori vy’ugushingura (...)

Abakuru b’ibihugu 53 baramaze kwemeza kuzitabira ibirori vy’ugushingura Madiba

lundi 9 Kigarama 2013

Mu birori bitegekanijwe kuba kuri uyu wa 15 Kigarama uyu mwaka, abakuru b’ibihugu bigera kuri 53 n’amareta, baramaze kumenyesha ko, kuri uyo munsi bazoba bahishikiye muri ivyo birori vy’ukumushingura bizobera i Qunu.

Barack Obama umukuru wa Reta zunzubumwe z'Amerika

Muri ivyo birori vyo gushingurana iteka Nelson Mandela, abanyacubahiro batari bake baramaze kumenyesho ko bazojayo. Muri bo, hakaba harimwo Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu c’Uburundi, Baracka Obama arongoye Reta zunzubumwe z’Amerika, Dilma Roussef arongoye Bresil, Francois Hollande arongoye igihugu c’Ubufaransa, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza David Cameron, umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban ki-Moon n’abandi.

Muri ivyo birori kandi bizoba vyitabwe n’abantu isinzi, biravugwa ko na bamwe mu bahoze barongoye ibihugu bitandukanye vya rutura canke ibihugu vy’Afrika, nabo bazitabira ibirori vyo gushingura Nelson Mandela. Aha bakavuga nka Jimmy Carter, George W. Bush, Bill Clinton bose bahoze barongoye Reta zunzubumwe z’Amrika, Nicolas Sarkozy yahoze arongoye Ubufaransa, Kofi Annan yahoze ari umunyamabanga w’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’abandi.

Jimmy Carter yahoze arongoye Reta zunzubumwe z'Amerika

Muri ivyo birori bizobera i Qunu mu gisagara c’amavuko ya Nelson Mandela kiri mu Bumanuko bw’igihugu, bivugwa ko hari abanyacubahiro batari bake bazohavugira amajambo, n’aho bitazwi abo ari bo. Ibirori rero, bikazotangura igihe c’isaha zitatu kw’isaha mpuzamakungu ya GMT.

Ban ki Moon arongoye ishirahamwe mpuzamakungu ONU
Francois Hollande arongoye Ubufaransa

Aristide Nizigire

Messages

  • Uhoraho ahabwe icubahiro akwiye. Ndahimbawe kumva ko Umukuru w’igihugu cacu, Pierre NKURUNZIZA, azoseruka mu birori vy’ifubwa rya Nyakwigira Nelson ROLILHALHA Mandela. Leta n’abategetsi batandukanye b’u Burundi, barondere/ bubake ibarabara ryiza rikwij’amategeko baryitirire H.E. Nelson ROLILHALHA Mandela. Rizoba ritandukanye n’arya yandi mabarabara ,, cane cane mu gisagara ca Bujumbura, yagiye yitirirwa amazina ku gashinyaguro k’ababisha. Turavye ivyiyumviro n’ico Madiba yaranguye en Afrique du Sud, kw’isi no mu Burundi, en plus de cette route nazuze, mbona ko statue ya Mandela ikenewe kubakwa. Pourquoi sa photos, par exemple, ku noti y’u Burundi? D’ailleurs, vyoba na vyiza 2014 abarundi tuyihariye Nelson MANDELA. Turetse rero ubwiza bw’izo infrastructures publiques, ce sera un bon rappel /exemple pour nos dirigeants kuvavanura n’ihohoterwa rya zinamuntu, bame bagendera mu kuri, ku neza y’igihugu na beneco. A vous

  • Nivyiza ko nyenicubahiro azogenda South Afrika mugihe cogufuba imfura yifura nyakwigendera Mandela,
    Iyabadufise ubushobozi abarunditwese twajayo kukoyaradukoreye ibikomeye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.