Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakuru b’ibihugu 9 barahuriye i Davos m’u Buswise - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abakuru b’ibihugu 9 barahuriye i Davos m’u Buswise

Abakuru b’ibihugu 9 barahuriye i Davos m’u Buswise

vendredi 25 Nzero 2013

Bari kumwe n’abandi bagwizatunga,abakuru b’ibihugu n’amareta bo muri Afrika barahuriye I Davos mu gihugu ca Suisse mw’ihuriro rigira 43 ririko riraba kuva ku wa gatatu igekenerezo rya 23 Nzero gushika kuw’Imana igenekerezo rya 27 Nzero 2013 ku bijanye n’ubutunzi kw’isi.

Kuva iryo huriro rivuka mu mwaka w’1971,bibaye ku ncuro ya mbere aho Afrika iserukirwa ku rugero yaserukiweko uno mwaka.Uretse amakenga ajanye n’irungikwa ry’abasirikare mu gihugu ca Mali,abategetsi ba Afrika baremeje ko batipfuza kwisunga ibibazo vya Afrika.Ibijanye n’urudandazwa,gushiraho isoko nini,kwemeza ko bitayeho guteza imbere ku rugero rushimishije nivyo bagomba kuganirako ngo naho nyene ibibazo vy’imibano,politike n’ibidukikije bitabuze.

JPEG - 24.2 ko

Kubwo umugwizatunga wo mu gihugu c’u Buhindi Sunil Bharti Mittal ngo akarere ka Afrika niko kaza imbere mu hategerezwa gutezwa imbere.

Kubwo umukuru w’igihugu ca Nigeria Goodluck Jonathan,ngo mw’isi yose hama hariho ingorane igihe cose umuntu ashizeyo imitahe,ariko ngo muri Afrika ubu ibintu biriko biraja m’uburyo.Ku bijanye n’igihugu ciwe gisanzwe ari ica mbere kibamwo abantu benshi muri Afrika,umukuru w’igihugu ca Nigeria yaragarutse k’umugambi wo gushira imitahe m’uburimyi.

Nk’uko yabandanije abimenyesha,umukuru w’igihugu ca Nigeria yavuze ko bashize imiriyaridi 8 z’amadorare mu gisata c’uburimyi,bakaba bazokwisunga cane cane igisata c’imyumbati biciye mu guhingura ifu izoba ifise agaciro, mu gihe ico gihugu gisanzwe ari ica mbere kw’isi cimbura imyumbati.

Ku ruhande rwiwe,umurwizatunga wo mu gihugu ca Afrika y’epfo Graham Mackay,yamenyesheje ko ishirahamwe ryiwe SABMiller Plc ryabaye irya mbere mu kujana imitahe mu gihugu ca Sudani yo m’ubumanuko.Iryo shirahamwe ryashizeyo ihinguriro ry’ibinyobwa kandi ko ibikorwa bigenda neza kuko umwimbu ugenda uragwira.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.