Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakuru b’ibihugu basabwe guhagurukira rimwe mu kugarukana umutekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abakuru b’ibihugu basabwe guhagurukira rimwe mu kugarukana umutekano

Abakuru b’ibihugu basabwe guhagurukira rimwe mu kugarukana umutekano

mercredi 6 Munyonyo 2013

Abatetetsi bo mu karere ka Afrika bari mu biganiro bidasasanzwe mu gihugu ca Afrika y’epfo kugira barabe uburyo bogarukira mu maguru masha umugabane wa Afrika yose wugarijwe n’intureka zidasiba kuba mu duce nka twose tw’ibihugu bigize Afrika.

Kuri uyu wa kabiri wa 5 Munyonyo 2013 akaba ariho bamwe mu bakuru b’ibihugu vya Afrika bahurira mu gihugu ca Afrika y’epfo kugira bashire inguvu hamwe mu gufasha kugarukana umutekano ku mugabane w’Afrika.
Bamwe mu bakuru b’ibihugu bitavye iyo nama idasanzwe, harimwo Idris Déby, umukuru w’igihugu ca Tchad, Jakaya Kikwete, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, na Kaguta Yoweli Museveni, umukuru w’igihugu c’Ubuganda.

JPEG - 35.3 ko
Bamwe mu bakuru b’ibihugu bitavye iyo nama : ( kuva i bubamfu uja i buryo) Kaguta Yoweli Museveni, umukuru w’igihugu ca Uganda, Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Idris Déby, umukuru w’igihugu ca Tchad, Jakaya Molisho Kikwete, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya

Mw’ijambo ryiwe ryo kwakira abo bakuru b’ibihugu mu gihugu arongoye, ari naho hanabereye iyo nama idasanzwe, Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, yagize ati : « Izi nguvu tugire dushire hamwe zategerezwa gutuma n’abandi bakuru b’ibihugu basigaye bo muri kano karere ka Afrika bahaguruka mu maguru masha, ata kagobero kagiyemwo mu gutorera hamwe inyishu z’ibibazo bihanze umugabane wose wa Afrika ». Ati : « N’aho hama intureka zidasanzwe, ndazi ko Afrika ifise uburyo bukwiye bwo kuzana umutekano muri vyose, hasaba gusa kumenya gukoresha ubwenge n’ubwotonzi dufise kugira ibibazo vyose bitorerwe inyishu ».

Iyo nama yahuje abakuru b’ibihugu ba Afrika n’ubwo bose batashoboye kuhaba, yabaye mu gihe hari haciye imyaka irenga kuri cumi ishirahamwe ry’ubumwe rya Afrika ritanguje iciyumviro co kugarukana amahoro n’umutekano mu mugabane wose wa Afrika. Ico ciyumviro kikaba cari gitegekanijwe gukorwa n’abantu bagera ku 32 500, ariko ishirwa mu ngiro ryaco biciye mu mategeko, rikaba rikiri kure nk’ukwezi gushika n’ubu.

Kuri ico ciyumviro nyene, mwomenya ko mu mwaka w’2012, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryavuzwe cane, riranasuzugurwa kuko ritashoboye kugira ico rikoze mu maguru masha mu ntureka zariko zibera mu gihugu ca Mali.

N’aho iyo nama yahuje abakuru b’ibihugu vya Afrika iriko ibera mu gihugu ca Afrika y’epfo ariyo gushira inguvu hamwe, inguvu bise « Ubushozi bwa Afrika mu kuzanira inyishu zihuta ibibazo bihanze umugabane », ntiharavurwa ibihugu vyiyemeje kuzoja muri uwo mugambi wo kugaruka umutekeno mu maguru masha muri Afrika, canke n’uburyo bizotwara kugira uwo mugambi ushikweko.

Jacob Zuma yahamagariye abakuru b’ibihugu vyose vya Afrika guhagurukira rimwe mu gufata ingingo ntabanduka kugira ibibazo vyose bihanze Afrika (intureka za minsi yose, intambara, ubukene, inzara, kigoyi, umutekano muke, ubunyonyezi bw’amatungo, ubutungane butubahirijwe, n’ibindi) bitorerwa umuti.

Mwomenya ko abakuru b’ibihugu bari bitavye iyo nama bihaye ihangiro ry’uko uyu mwaka w’2013 worangira ico ciyumviro cumvikanyweko n’abakuru b’ibihugu bose ba Afrika.


Mariella Bukuru

Messages

  • Mbega bogarukana umutekano gute aribo bawutera ingorane nyinshi ziri muri africa nabadutwara kuko nibasumire inda, bashobora nokugurisha ibihugu vyabo kubera amaronko, mugabo ntaco imana iratubona abantu batobato, na cpi irababona.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.