Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakuru b’ibihugu cumi bo muri Afrika bagerageje kwigungirako ubutegetsi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abakuru b’ibihugu cumi bo muri Afrika bagerageje kwigungirako ubutegetsi (...)

Abakuru b’ibihugu cumi bo muri Afrika bagerageje kwigungirako ubutegetsi kurusha abandi

mercredi 21 Myandagaro 2013

Intwaro rusangi muri Afrika yakunze kunegurwa mu buryo butandukanye, aho bamwe usanga bavuga ko muri Afrika ata ntwaro rusangi ihaba, abandi bakavuga ko iryo jambo rikoreshwa nabi mu gihe ku rundi ruhande usanga hari n’abavuga ko ijambo "intwaro rusangi" risa n’uko ari rishasha muri kamere y’ababa ku butaka bwa Afrika. Ubushakashatsi bwakozwe n’urubuga Libre Afrique bwerekanye ko bamwe mu bavuga ibi usanga bafatira ku bikorwa bimwe bimwe usanga biba muri bimwe mu bihugu vya Afrika nk’amatora ahanini usanga havugwa kwiba amajwi, guhakana ivyavuye mu matora, hakaba mbere n’igihe amatora akurikirwa n’imvururu zitwara ubuzima canke zigakomeretsa abenegihugu rimwe na rimwe.

Urwo rubuga rutanga akarorero ku matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2007 muri Kenya hamwe no muri Cote d’Ivoire mu mwaka w’2011 yakurikiwe n’imvururu zahitanye bamwe no muri uyu mwaka muri Zimbabwe aho uwari ahanganye na Robert Mugabe yatowe, Morgan Tshvangaray yahakanye ko amatora yagenze neza.

JPEG - 25.9 ko
Ubwicanyi bwakurikiye amatora yo mu mwaka w’2007 muri Kenya

Gutembagaza ubutegetsi canke gushaka guhindura ibwirizwa nshingiro mu bihugu bitandukanye nka Niger aho Umukuru w’igihugu Mamadou Tandja yashatse guhindura ibwirizwa nshingiro ni bimwe mu bivugwa ko vyerekana ko Afrika ikiri inyuma mu bijanye n’intwaro rusangi nk’uko urubuga Libre Afrique rubivuga.

Uretse ivyo, urubuga Libre Afrique ruvuga ko hari na hamwe mu bihugu usanga batemera imigambwe myinshi, niyo bayemeye ugasanga umwe niwo wiganje kuruta iyindi, ivyo bigatuma iyo yindi migambwe itagira uruvugiro, intwaro rusangi nawe ikaba ibangamiwe muri ico gihe. Kuri ivyo, hiyongerako kuba bamwe mu bakuru b’ibihugu bahitamwo kurekura ubutegetsi bishwe canke babogojwe nko muri Libiya ya Kadafi canke muri Tuniziya ya Ben Ali.

JPEG - 51.4 ko
Ikiziga ca Mouamar Khadaffi

Gusa ku rundi ruhande, hari n’abemeza ko inyota y’ubutegetsi ikunze kuranga bamwe mu bategetsi bo mu bihugu vy’Afrika yoba ituruka ku bukene bwa bimwe mu bihugu kuko ngo iyo umukuru w’igihugu atorewe kurongora usanga bisa n’uko ahawe ubutunzi, ugasanga kandi abo bahuje ivyiyumviro canke inkomoko yaba iyishingiye ku karere canke kw’ isano ry’amaraso bamubona nk’amakiriro yabo mu kumuronderako ubuzi canke ibibanza bikomakomeye.
Ku kibazo co gutwara ikiringo kirekire, urubuga Libre Afrique rwakoze urutonde rw’abakuru b’ibihugu batwaye ikiringo kirekire, n’aho ku rurutonde habonekamwo bamwe mu bishwe.

Nguru urutonde rw’abakuru b’ibihugu cumi ba mbere baranzwe no kwigungirako ubutegetsi kurusha abandi muri Afrika, tukaba tubakesha amatohoza y’urubuga Libre Afrique, bafagikanije n’ikinyamakuru AngazaMag gikunze kugira ubushakashatsi muri politike ku mugabane wa Afrika.

1. Mouamar Khadaffi

Yatwaye igihugu ca Libiya imyaka igera kuri 41 akaba yari yatembagaje ubutegetsi bw’umwami Idris agashinga Repuburika y’Abarabu ya Libiya.
N’aho Kadhaffi yabanje gucudika n’ibihugu vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubufaransa hamwe n’Ubwongereza mu nyuma bahindutse abansi biturutse ku kutavuga rumwe ku bibazo bitandukanye birimwo nk’ica Isirayeri na Palesitina, umubano wiwe n’Abasoviyete n’ibindi.
Uwo mugabo kandi azwi gushaka guhuriza abarabu muri Leta Zunzubumwe z’Abarabu, ndetse n’abanyafrika muri Leta Zunze Ubumwe za Afurika ariko vyose bikaba vyabaye indoto.

Khadaffi yahavuye atembagazwa ku butegetsi inyuma yo kwiyamirizwa n’abanyagihugu itariki ya 20 Gitugutu 2011, aranahasiga ubuzima.

3. Teodoro Obiang Nguema Mbasogo

Mbasongo nawe atwaye igihugu ca Gineya Ekwatoriyare guhera mu mwaka w’1979, akaba amaze imyaka 34 ku butegetsi bw’ico gihugu.

3. José Eduardo Dos Santos

Dos Santos yatwaye igihugu ca Angola guhera nawe mu mwaka w’1979, bisigura ko amaze imyaka 32 ku butegetsi aho aserukira umugambwe MPLA washikanye ico gihugu ku bwigenge ari nawo uri ku butegetsi kuva ico gihe.

4. Mouhamed Hosni Moubarak

Moubarak yatanguye gutwara igihugu ca Misiri guhera kuwa 14 Gitugutu 1981 gushika kw’igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2011. Yatembagajwe ku butegetsi n’ukwiyamirizwa n’abanyagihugu muri ico gihugu. Ubu iyo aba akiri ku butegetsi yari kuba amaze imyaka 32.

5. Paul Biya

Paul Biya yatwaye igihugu ca Cameroun kuva ku genekerezo rya 6 Munyonyo 1982, ubu akaba amaze imyaka 31.

6. Denis Sassou Nguesso

Sassou Nguesso yatwaye Congo Brazzaville guhera mu mwaka w’1979 kugeza 1992, ariko mu mwaka w’1997 asubira kurongora ico gihugu gushika n’ubu akaba akirongoye imyaka igera kuri 29.

7. Yoweri Kaguta Museveni

Museveni yatwaye igihugu ca Uganda guhera kuwa 29 Nzero 1986 ubu akaba amaze ku butegetsi imyaka 25.

8. Umwami Mswaati III

Uwo mugabo azwi ku mubano utari mubi akaba ari nawe mutegetsi akiri muto inyuma ya Joseph Kabila atwara Repuburika Iharanira intwaro rusangi ya Congo. Umwami Mswaati yatwaye igihugu ca Swaziland guhera mu mwaka w’1986 akaba amazeho imyaka 27.

9. Robert Gabriel Mugabe

Robert Mugabe ni umukuru w’igihugu ca Zimbabwe akaba n’umwe mu baharaniye intahe yo kwikukira muri Zimbabwe.
Yashitse ku butegetsi igenekerezo rya 31 Kigarama 1987, akaba gushika ubu ahamaze imyaka 26 kandi akibandanya kuko muri uku kwezi yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu, n’aho abo bari bahanganye bavuga ko ayo matora yaranzwe n’amahinyu arimwo ubusuma.
Mugabe azwi cane nk’uwutavuga rumwe n’abazungu. Uturorero tw’amajambo yavuze yerekana ko araba ay’ingwe abazungu :

« Umugambwe wacu utegerezwa kubandanya kwinjiza ubwoba mu mutima w’umuzungu kuko twasanze ariwe mwansi wacu."

« Umuntu umwe wenyene mwoshobora kwizera mu bazungu ni uwapfuye gusa.»

« Mu gihugu ca Zimbabwe, umuzungu afata ikibanza ca kabiri canke ica gatatu. Uwagaciro ubwa mbere ni umunyagihugu wo muri Zimbabwe. Ivyo nivyo bikwiye kwigishwa abana banyu.» (Aho hose yaba ariko abwira abari mu mugambwe ZANU PF nawe akomokamwo)

10. Zine El Abdine Ben Ali

Zine El Abidine Ben Ali yabaye umukuru w’igihugu wa kabiri wa Tuniziya guhera mu mwaka w’1987 gushika mu mwaka w’2011 aho yatembagazwa ku butegetsi n’abanyagihugu bamwiyamirije mu mwaka w’2011. Yatwaye ico gihugu mu kiringo c’imyaka 24.


Prosper Ndayikeza

Messages

  • Nanje nyene nk,umu nya afrika nokwemezako atantwaro rusangi iharangwa kuko n,uwuri k,ubutegetsi kugira abuveko ashakako harinda guseswa amaraso y.abatwarwa biwe.ibi ndabifatira ah,iwacu mu burundi aho bigaragarako uwuri kw,isonga ry,amabi ategurwa akanashirwa mungiro ndetse abayakora bagakingirwa yoba ari umukuru w,igihugu nyene.akabigira kugira akingire bagenziwe bakekwa kurengutswa i rahe ubutegetsi buhendutse hamwe n,ukwagirizwa amatungo ya reta yanyurujwe mw,iy,iyi myaka amaze k,ubutegetsi.afrika ikwiye kumvako itikukuye kugira mugutwara umuntu agire igihu itongo benshi banarodera kuraga abahungu babo.

  • Jewe Niyumvira Ko Nkurunziza Akunda Abarundi Nabarundikazi Narekure Hakirikare Canke Amakungu Yomufata Vyihuta.

  • NYAKWUBAHWA PIERE NKURUNZIZA NAHANGAME KUNGOMA,NTANGORANE YIWE,NABAMAZE 27ans NTAKAGUMA BABAGIRAKO! NIWIRAMBIRE KUNGOMA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.