Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakuru b’ibihugu vy’Afrika biyamirije sentare y’i La Haye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abakuru b’ibihugu vy’Afrika biyamirije sentare y’i La Haye

Abakuru b’ibihugu vy’Afrika biyamirije sentare y’i La Haye

lundi 27 Rusama 2013

Abakuru b’ibihugu vy’Afrika bari mu nama i Addis Abeba ku murwa mukuru wa Ethiopia, bareze sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC (La Haye) ko ibangamiye Afrika.

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Hailemariam Desalegn arongoye iyo nama, yavuze ko sentare mpuzamakungu y’i La Haye yavuye kw’ihangiro yayo nyamukuru yo kurwanya kudahana, kutagira ubuyobozi bwiza no guhana ivyaha.

Abakuru b’ibihugu vy’Afrika bavuze ko iyo sentare ishitse muri Afrika, isa nk’aho itanguye umugambi wo guhiga abantu bamwe bamwe.
Desalegn yavuze ko hafi y’abantu bose bakurikiranywe na ICC ari abanyafrika, ati ariko ivyo ntibivuze ko abakuru b’ibihugu vy’Afrika bifatikanya n’abanyavyaha.

Inyuma yo guhimbaza isabukuru y’imyaka 50 ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika rimaze rivutse, abakuru b’ibihugu vy’Afrika bayaze ku bibazo vyugarije Afrika bitandukanye. Ibiganiro vyatanguye bivuga cane ku kibazo ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, munyuma baheraheje biga ikibazo c’ukuntu sentare mpuzamakungu mpanavyaha yoreka gukurikirana umukuru w’igihugu ca Kenya n’icegera ciwe baregwa ivyaha vyo kutubahiriza agateka kazina muntu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.