Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso : Ubutegetsi bwa lieutenant-colonel Zida bwahagurukiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Burkina Faso : Ubutegetsi bwa lieutenant-colonel Zida bwahagurukiwe

Burkina Faso : Ubutegetsi bwa lieutenant-colonel Zida bwahagurukiwe

mercredi 5 Munyonyo 2014

Abakuru b’ibihugu vya Ghana , Nigeria na Sénégal bari mu rugendo mu gihugu ca Burkina Faso aho bagiye gusaba umusirikare yafashe ubutegetsi ku busubiza abanyagihugu vuba.

Abo bakuru b’ibihugu bari muri Burkina Faso bakavuga ko igisirikare c’ico gihugu cakoze ibinyuranye n’ibwirizwa nshingiro inyuma y’igeda rya Blaise Compaoré. Abo bakuru b’ibihugu bitatu vyose bisanzwe biri mw’ishirahamwe CEDEAO, Macky Sall wa Sénégal , Goodluck Jonathan wa Nigeria na John Mahama wa Ghana, bakaba bashikirije ko bagiye kuzofasha lieutenant-colonel Zida Isaac kugira aze asubize ubutegetsi vuba, mw’itangazo ryasomwe na Macky Sall arongoye igihugu ca Sénégal.

Mukamenya ko abo bakuru b’ivyo bihugu bashikirije iryo jambo lieutenant-colonel Zida, inyuma y’aho amashirahamwe mpuzamakungu nk’Ubumwe bwa Buraya, Ubumwe bw’Afrika, hamwe na Reta zunzubumwe z’Amerika bari bamenyesheje ko bashobora gufatira ibihano abarongoye ico gihugu hamwe batosubiza ubutegetsi abanyagihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ariko naco Blaise wewe yemeye aranahava wibaza ko aho i wacu vyoroshe. nzobambona n umwana w umunyarwanda. Ariko igitangaje cabo bakuru b ibihugu biyunvira gute gutwara hanyuma ukaruhira guhunga aho bosubije mu mahoro. Ni barabe Buyoya ubu ntiyihangamiye. Ubuhungiro ntibabuzi, iyo boba bunva bokwitondeye bene igihugu. ivyisi ntibihagwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.