Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakuru b’ibisagara bahakanye ubugeni bw’abasangiye ibitsina - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abakuru b’ibisagara bahakanye ubugeni bw’abasangiye ibitsina

Abakuru b’ibisagara bahakanye ubugeni bw’abasangiye ibitsina

mardi 11 Ruheshi 2013

Naho mu gihugu c’Ubufaransa bemeje itegeko ritanga uburenganzira bw’ukwubakana hagati y’abasangiye ibitsina, hari abakuru b’ibisagara bamwe bamwe bahakana gushingira abo basangiye ibitsina baba bashaka kwubakana.

Jean-Michel Colo, umwe muri abo bakuru b’ibisagara yamenyesheje inyuma yo kwankira abari bamwituye, ko ata basangiye ibitsina azokwigera ashingira muri komine arongoye, akaba kandi yaranabimenyesheje inzego zo hejuru.

Umuvugizi ya Leta y’Ubufaransa yamenyesheje ko abo barongoye ibisagara bashobora guhabwa ibihano, harimwo no gukurwa mu mabanga. Amenyesha kandi ko bashobora no guhabwa igihano c’umunyororo w’umwaka n’ihadabu ry’amafaranga agera ku bihumbi 75 vy’amafaranga y’amanyaburaya.

Igihugu c’ubufaransa kikaba kigira cumi na kane kimaze kwemeza no guha uburenganzira abubakana basangiye ibitsina.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.