IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abamenyeshamakuru 20 ba Al-jazeera bagirizwa gukorana n’imirwi (...)

Abamenyeshamakuru 20 ba Al-jazeera bagirizwa gukorana n’imirwi y’iterabwoba

jeudi 30 Nzero 2014

Abamenyeshamakuru 20 b’imboneshakure Al –jazeera bazocirirwa urubanza mu gihugu ca Misiri, bakaba bagirizwa kuba bakorana n’imirwi y’iterabwoba, harimwo mbere n’abandi bane ari abanyamahanga bagirizwa kuba bashikirije inkuru z’ibinyoma.

Muri abo bagirizwa harimwo umwongereza umwe hamwe n’umunya neerlande umwe n’umunya australiya umwe nyene. Ibinyamakuru vyo mu makungu harimwo n’insamirizi BBC bakaba bari bakoze inkuru yahamagarira kurekura abamenyeshamakuru batanu b’insamirizi Al-jazeera.
Havuye ico caha c’uko bagirizwa kuba bafasha imirwi y’iterabwoba, abo banyamisiri 16 bagirizwa n’ibindi birego vyinshi nko guhungabanya ubumwe, umutekano w’abanyagihugu, aho hose bakoresheje iterabwoba. Abo banyamahanga bane nabo bakagirizwa gufashanya n’abo banyamisiri mu kubaha amakuru, ibikoresho, uburyo, hamwe no gukwiragiza ibihuha bigamije kugondoza amakungu ko igihugu ca Misiri cabayemwo indwano y’abanyagihugu (guerre civile).

Umunani muri abo bagirizwa bari mw’ibohero, abandi 12 nabo imitahe yo kubahagarika ikaba yaramaze gusohoka, nk’uko bimenyeshwa n’umushikirizamanza mukuru.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.