Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abamenyeshamakuru b’imboneshakure RTNC bari bafashwe nk’imbohe n’inkozi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abamenyeshamakuru b’imboneshakure RTNC bari bafashwe nk’imbohe n’inkozi (...)

Abamenyeshamakuru b’imboneshakure RTNC bari bafashwe nk’imbohe n’inkozi z’ikibi

lundi 30 Kigarama 2013

Abantu bitwaje ibirwanisho binjiye ahasanzwe hakorera imboneshakure y’igihugu ca Repububila iharanira intwaro rusangi ya Kongo (RTNC) aho mbere bafashe nk’imbohe abamenyeshamakuru bakorera iyo mboneshakure, nk’uko ayo makuru tuyakesha igipolisi c’igihugu.

Muri izo nkozi z’ikibi rero, abashika kuri 40 akaba aribo bahasize ubuzima, inyuma y’aho izo nkozi z’ikibi zitwaje ibirwanisho zinjiye mu nyubakwa isanzwe ikoreramwo imboneshakure RTC, abo bitwaje ibirwanisho baca baguma bagenda ahakorera abamenyeshamakuru. Mu masaha y’agatondo niyo bari bakiri bafashe imbohe n’abantu nk’uko vyamenyeshejwe n’uwusanzwe ajejwe kumenyesha amakuru mu giporisi c’igihugu, Mwana Mputu.

Yagize ati, twaciye dusaba abaza gufasha bandi bapolisi kugira ibintu bisubire mu buryo, ariko rero mu kurindira ko baza, imiryango yose yinjira muri iyo nyubakwa twobamenyesha ko ikingiwe n’igipolisi kugira ntihagire uwubaca murya humye. Amasasu rero atari make akaba yumvikanye i Kinshassa, mbere nta n’umwe yarengana mu mabarabara y’amakaritiye yegeranye n’iyo nyubakwa y’imboneshakure y’igihugu. Mwomenya rero ko iyo mboneshakure itasubiye gukora kuko ico bita signal cari caciwe.

Muri ico gitero, inkozi z’ikibi zigera kuri 40 zikaba arizo zahasize ubuzima, 16 bapfiriye ku kibuga c’indege, 8 bapfira ku nyubakwa z’iyo mboneshakure hamwe na 16 bapfiriye impande y’ibiro bikuru vya gisirikare.


Floxella Karire

Messages

  • Ariko Koko Congo Twagira Yaronsamahoro None Ibintu Biracarukwo? Ndashimiye Cane Ico Gipolisi Caciye Kinyaruka Gutabara Ndetse Kikaba Cacunguye Izonzirakarengane.

  • Jewe nkumurundi sinzigera ngirumunezero ukwiye mumutima wanje mugihe abanye Kongo bazoba bagihendwa bikanabakwegera gupfa ikitaraganye. gusa mwikigihe ndaremye kuko abajejwe umutekano muri Congo baramaze gushirira abazokomeza kubitega bazomera nkagasokozo kavugango: nyegeranyegera bananje turashize? inyishu ni: amazimurukangaga, bishatsekuvugiki? abazogumabisuka kubasirikare bakongo bazogendabanyonga nkamazi atemba ayongera murukangaga canke ubumera murusyo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.