Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abamenyeshamakuru bo muri Kenya bagabishijwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abamenyeshamakuru bo muri Kenya bagabishijwe

Abamenyeshamakuru bo muri Kenya bagabishijwe

vendredi 25 Gitugutu 2013

David Kimaiyo, umukuru w’igipolisi ca Kenya, yagabishije abanyamukuru ku bijanye n’amakuru y’igitero cakozwe kuri Westgate Mall mu kwezi guheze.
Iryo gabishwa rikurikiye amakuru aherutse gutangazwa avuga ko abasirikare basahuye amaduka yo muri iyo nzu y’ubucuruzi igihe yariko iraterwa n’intagondwa zo mu muhari wa Al-Shabaab.

David Kimaiyo yamenyesheje ko abanyamakuru badakwiye gushusha imitwe abanyakenya, canke bashire ubuzima bwabo mu ngorane.
Umukuru w’igipolisi, David Kamaiyo yamenyesheje iryo gabishwa inyuma y’aho hari amasanamu yasohotse haraheze iminsi mike, asa n’ayerekana abasirikare basohokana ibicuruzwa mu maduka yo mu gisagara ca Nairobi ahari ibitero.

JPEG - 18.7 ko
David Kimaiyo, umukuru w’igipolisi ca Kenya

Ku ruhande rw’abajejwe umutekano, bamirira kure ivyo bivugwa biciye kuri ayo masanamu yerekanwe ko abajejwe umutekano boba baragize uruhara, bikika mu kiza mu gusahura ibidandazwa vy’abanyagihugu.
Mu gisirikare bamenyesha ko yari amazi bariko baraterura, bazimya igihe ico gitero cariko kiraba.

Mwokwibuka ko abantu baharurwa muri 67 aribo baguye muri ico gitero c’iterabwoba. Muri abo bahasize ubuzima, abaharurwa muri batandatu bakorera inzego zijejwe gucungera umutekano.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.