Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abana barahohoterwa cane mu gihe c’intambara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abana barahohoterwa cane mu gihe c’intambara

Abana barahohoterwa cane mu gihe c’intambara

mercredi 10 Ndamukiza 2013

Umuryango wita ku bana Save the Children uravuga ko mu turere twinshi tuvugwamwo intambara abana ari bo ba mbere bageramiwe no gusambanywa ku nguvu n’ayandi mabi ashingiye ku gitsina.

Ibi umuryango Save the Children urabivuga uhereye ku ntahe wahawe mu bihugu bitandukanye vyabayemwo intambara mu myaka 10 iheze nka Colombia, Liberia na Republika iharanira demokarasi ya Congo.

JPEG - 29.8 ko

Ubwongereza bwavuze ko mu gihe buzoba burongoye umuryango w’ibihugu 8 bikize kurusha ibindi wa G8 muri uyu mwaka, buzobishira mu bibazo bikenewe guhagurukirwa cane, ikibazo co guhohotera bishingiye ku gitsina mu gihe c’amatati.

Umuryango Save the Children uvuga ko imigambi yo guhagarika ayo mabi no gufasha abana bahuye nayo mabi bidahabwa amafaranga akwiye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.