IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abana batari bake bahunga bonyene

Abana batari bake bahunga bonyene

mardi 9 Ruheshi 2015

Ishirahamwe ry’abagiraneza ryita ku bana, Save the Children, rivuga ko abana barenga ibihumbi bibiri batari kumwe n’abavyeyi bamaze guhunga Uburundi.

Abo bana nk’uko aya makuru tuyakesha iradiyo y’abongereza BBC, ni abahunze kuva aho hatanguriye ibibazo vya poritike mu Burundi. Save the Children ivuga ko benshi muri bo bamaze indwi bagenda, benshi bagenda n’amaguru, baja mu bihugu bibanyi vy’Urwanda, Tanzania, na Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Umuvugizi wa Save the Children yavuze ko benshi bashitse mu nkambi z’impunzi ata birato bambaye, ata n’ikintu bafise kiretse impuzu bari bambaye.

Intureka zatanguye mu bice bimwe vy’igisagara ca Bujumbura na hamwe hamwe hagati mu gihugu, kuva aho umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, ugeneye Petero Nkurunziza kugira aze awuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.