Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu bagera 36 baguye muri Méditerannée hafi ya Malte berekeza i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abantu bagera 36 baguye muri Méditerannée hafi ya Malte berekeza i (...)

Abantu bagera 36 baguye muri Méditerannée hafi ya Malte berekeza i Buraya

samedi 12 Gitugutu 2013

Ubwato bwari butwaye abantu barenga 250 bwibiye muri Méditerranée mu bihugu bariko baja i Buraya bidaciye mu mategeko. Iryo sanganya rikaba ryahitanye abagera kuri 36 muri abo hafi y’izinga rya Malte ryo mu Butariyano.

Ibinyamakuru vyaho bimenyesha ko ubwo bwato bwiyubitse, bikavurwako ko bwoba bwibiriye hafi y’izinga rya Malte ryo mu gihugu c’Ubutariyano. Abantu 36 bahasize ubuzima, abarenga cumi ntibaramenyekana irengero ryabo. abanu 206 nibo bonyene bashoboye kurokoka kuko abatabara bihutiye gutabara. Abo bagize ivyo vyago bakaba aribo boba bitabarije bakoresheje iterefone ikorana na satelitte.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe haheze iminsi umunani gusa habaye irindi sanganya nkiryo ryari ryabaye ryahitanye abarenga 300 bakomoka muri Afrika. Iryo sanganya naryo rikaba ryari ryabereye hafi yahitwa i Lampedusa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.