IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abandi icenda bavuga ko bahora ari abarwanyi bishikanye

Abandi icenda bavuga ko bahora ari abarwanyi bishikanye

mardi 1er Ntwarante 2016, par egide

Igiporisi c’Uburundi cerekanye abandi bantu icenda b’urwaruka biyemerera bonyene ko bahora ari abarwanyi. Abo bavuga ko bishikanye ku bajejwe umutekano bamenyesha ko bahora barwanira mu kanyosha hamwe no mu misozi yo muri Bujumbura rural.

Abo bantu icenda berekanye kandi ibikoresho vya gisirikare bavuga ko bahora bakoresha, ivyo navyo bikaba bigizwe n’inkoho zitatu zo mu bwoko bwa kalashnikov, amagerenade icenda, ibikoresho bibiri vy’ugutumatumanako amakuru (radios Motorola), ibikono 12 vy’amasasu hamwe n’imyambaro y’igisirikare hamwe n’iy’igiporisi.

Abo bishikanye bemeza ko bahora bategera imiduga, bakongera bagakora ibitero ku bayoboka ubutegetsi. Bemeza kandi ko bari mu bateye amakambi ya gisirikare ku magenekerezo ya 11 na 12 Kigarama 2016


IGIHE

Messages

  • Niho nkibona KO abarundi bafise ICO barushije abandi.iyo umurundi yihenze agakora nabi unutimana uramukebura.abobantu sumo badafise inkoho namasasu ariko icon a badafise numutima wokubandanya bakora nabi. Ndasavye abarundi babakire babahe nikigongwe.bigishe gukunda igihugu bashobore gutaha babane nabandi. Ndabakeje nimuze mubanyu.

  • Turakeje inzego zumutekano tunashimira nabobishikanye twizereko bazofasha reta kwerekana abandi vyahorabikorana reta noyo nibereke bbc nijwiryamerica ninyakuruvyose kugira ukuri kuje ahabona maze urwanda rumaramare murakenuye

  • Ok Sawa, Bandanye Mwishikana Cane,erega Barabonye Ko Arukubahenda! Hewe Vyanka Vyakunda 3éme Mandant Ntimukorako,beshi Ndibaza Ko babura Ahobaca Bazoza, Abasara Nimusare Ariko Ntimusarane Ibikoresho Vyumutekano.

  • rka kudutwenza basha,uwutazi ubwenge ashima ubwiw,ivyo bavyigah?

  • Nanje noneho Peter ndamwemeye. Mugabo ubu ngomba ntangure gusaba imbabazi kuko nahemutse ntuka umukuru wigihugu kuri iyi site.

  • Arukunezerwa vyovyo turacanezerewe, harya mubona abobana bu Burundi bakomeje kwishikana nabamaze gufatwa ivyobabwiye abajejwe umutekano ibitabo biruzuye abajejwe umutekano wigihugu cacu dukunda kikaduhimbara bazobikorerako kugezigihe muzokwibonera nababanyamahanga bashizwe ahabona muzokwumirwa hariho abazosigara aribimaremare bimwe biboneka .Gusa harihico Imana yateguye gukora ngaha kw’Isi ibanje gushirahejuru uburundi ariko bubanje gucamuvyago bikomeye maze buvyigobotoremwo bizotangaze aboroshe nabahambaye arinaho abantu bazova impande 4 zigize Isi birukira kureba akogahugu kaciye mumitego karikatezwe nibihangange vyomwiy’Isi maze bazogende batamacumu bangera bavugango waribarutse ifuranyazo! Bati nurambe usasagare. Nashaka kubabwirako atagihugu gishobora kuba igihangange kitabanje guhangana nibihangange maze kika vyeneza muri politique nomuri diplomatic .

  • Dusabe Ubutegetsi Abobantu Bishikana Bakingigwe Ntibahohotegwe Kandi Bemeye Kuvavanura Nivyo Bikorwa Vyaribigayitse. Nukobumva Baribruhijwe Nibibi Bakora.

  • Hhhhhh.
    DD isigaye ifise ubwenge

  • mbega basha iyo nkina mico izoshika kuki mugabo naho mwitwa ngo muratwara basha mwararushe mumitima ese ingene muguma mumarementanya gusa mbega mwibaza ko abarundi turi ibijuju murahenda abazungu nayo umwirabure ntimumubeshe .

  • Leta iratezwa abo bishikanye nimbonerakure nikinamico bereke amakungu y’uko takireberi gihari ni be mere ibiganiro bareke kwagiriza imigabwe y’uko yagadaguye ibonerakure ivyo binogo nivyabo barondeye ibonerakure zivyemere kuko hagiye kuba amatohoza buzamakugu mbega ivyo bakora ku bagandaguye abamasera bagafata umusanzi ngo niwe wa bagandaguye nibahebe iremetanya twebwe abenegihugu turarushe nitwaro ya ba DD

  • ABABONTU,BISHIKANYE,NIBABWIRE,BAGENZIBO,NABO,BAVAVANURE,NAGATIMAKINTAMBARARA,NABOBAZETWUBAKE,IGIHUGUCACU.

  • N’abasirikare hamwe n’abapolisi bamaze igihe bica abantu turasavye dushimitse nabo nyene bishikane hakiri kare bigishoboka! N’abamaze igihe banyuruza abantu, abandi bakababoreza igufa nabo nyene ntibacererwe kwishikana!!!!!

  • Abategetsi Turabemera Kandi Turabakunda,
    Ariko Ntihagire Abo Murenganya
    Kuko Imana Yobahana
    pière Nkurunzizahongera Sana Nubundi Urotsinda Amen.

  • Izo n’imbonerakure.None muhendande?

  • Ariko nkumuntu nka Nyangoma nakagwi kiwe ka cnarede, Buyoya, Bagaza, Sinduhije, J.Minani, Domitian. Ubu ahomuri muvug’ iki? Harikindi kintu musigaranye mwotubwira?

  • Ariko nkumuntu nka Nyangoma nakagwi kiwe ka cnarede, Buyoya, Bagaza, Sinduhije, J.Minani, Domitian. Ubu ahomuri muvug’ iki? Harikindi kintu musigaranye mwotubwira?

  • yemweyemwe! mwirekere,murabukuntu.ugwogwarukarurikorurisukamutego,batateze?ahovyerekanako,kakagwikagandagurabantukagizubwoba.abobantubavyiyemereyemubacunge.

  • ndashimiye ubwambere abajejwe umutekano bitanze batiziganya mukugarura umutekano nkongera gushimira urworwaruka rwemeye kugaruka muruhongore dusabe abo bigaruye ko mwo bbakira mukabigisha gukunda igihugu nabasigaye nibaze bazobarirwa bareke sinduhije azoze kururwana wenyine areke guhenda urwaruka iki gihugu musambura nicanyu nimuze twijukire ibikorwa

  • twatohojenakagwikimbonerakurekiyemejeguseruka,kumiriyonizidakwiyenazitanukugiragafasheretakuvamumutegowamakungu,arikobaravyenabibokwicwakugira,imitego,imwimwebamazekugwamwobazebarayitegura.hagiyekubonekanabandi

  • Iryo nirementanya twarabahinyuye murahenda abandi mubonye kwamakungu agiye kubabeshuza kurivyobinyoma vyanyu none mutanguye kwegeranya zambonerakure muzita abarwanyi nimuteshwe mute

  • Bazohera nkifu y’imijira!

  • Ntakuri kurimwo iryo nirempenanya ryubutegetsi bwi bujumbura kandi abo nizambonera kure za cndd fdd.nibagezaho rero kuduhuma amaso

  • barabony ko inzira bafash idashika nibagaruke mugihugu tugitenze imbere

  • izira yibirwanirho ntizoshika pe, nigaruke naho baje basibanganij nibitari bike

  • Reka abasenga bashits isezerano twes twosaba imana tuvuga. tuti duhe amahoro ntakizobuza izoyaduha kuko abo baj nimana ha ikoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.