Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abansi ba Bresil baguma batemberana ikintu kimeze nka Neymar yavunitse (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abansi ba Bresil baguma batemberana ikintu kimeze nka Neymar yavunitse (...)

Abansi ba Bresil baguma batemberana ikintu kimeze nka Neymar yavunitse umugongo

mardi 8 Mukakaro 2014

Inkino z’igikombe c’isi yose ziriko zibera mu gihugu ca Bresil zigeze mu gice ca kane gishira ica nyuma, mu bihugu 32 vyari mu mahiganwa hasigaye ibihugu 4. Urukino rwa mbere rwo muri ico gice, ruhuza igihugu ca Bresil n’Ubudagi, abahinga batanga amahirwe make ku gihugu ca Bresil.

PNG - 797.6 ko
Neymar atwawe kwa muganga

Igihugu ca Bresil gihabwa amahigwe make mu rukino rugihuza n’Ubudagi. Ivyo bivugwa kuko hari abakinyi kirumara mu murwi nserukira gihugu bataja muri urwo rukino. Aha bavuga umusatirizi Neymar Junior yavunitse uruti rw’umugongo. Benshi bari biteze ico umuganga ariko aramukwirikirana atangaza. Uwo nawe ejo yamenyesheje ko Neymar atazosubira mu kibuga vuba. Ni umubabaro mwinshi cane ku gihugu ca Bresil no ku bakunzi biwe. Si ivyo gusa, na kizigenza w’umurwi nserukira gihugu wa Bresil Thiago Silva ntakina urwo rukino.

Mu gihe muri Bresil basa n’abatizeye intsinzi mu rukino rwo kuri uwu wa kabiri, umumenyereza w’umurwi nserukira gihugu w’Ubudagi, avuga ko ahubwo bohagabira ntibijajare ngo ni uko Neymar na Thiago batarimwo, ahubwo bakongereza inguvu.

Aho muri Bresil abadasha ko Bresil ibandanya bamaze iminsi batemberana mu mabarabara ikintu kimeze nk’uruti rw’umugongo ruvunitse bisigura Neymar, ivyo bagaheza bikababaza abakunzi ba Bresil bamwe bakanakorora amosozi.

JPEG - 70.1 ko
Abansi b’umurwi nserukira gihugu wa Bresil bafise ikintu kimeze nka Neymar

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.