Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu 13 baguye mw’isanganya ry’indege muri Nigéria - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abantu 13 baguye mw’isanganya ry’indege muri Nigéria

Abantu 13 baguye mw’isanganya ry’indege muri Nigéria

jeudi 3 Gitugutu 2013

Ku kibuga c’indege c’i Lagos muri Nigéria habaye isanganya ry’indege. Abantu 13 nibo bamaze ku menyekana ko baguye muri iryo sanganya. Iyo ndege ikaba yarireruye abantu 20. Hakaba harimwo ikiziga ca Olusegun Aganga, uwahoze ari buramatari w’intara ya Ondo yatavyimana kw’igenekerezo rya 13 Nyakanga 2013.

Kuri uyu wa kane, habaye isanganya ry’indege i Lagos ku murwa mukuru w’igihugu ca Nigéria. Indege yarireruye ingenzi 13 hamwe n’abakora muriyo 7 yaguye maze ihitana 13 muri 20 bari muri iyo ndege. Iyo ndege yararutse iva ku kibuga c’indege ca Lagos igana ahitwa Akure mu Bumanuko bushira Uburengero bw’igihugu ca Nigéria. “Imoteri yayo yahagaze, indege ica irarwa hama itangura kwaka umucanwa”, uko niko umuvugizi w’urwego rugendura ivy’uruja n’uruza rw’indege muri Nigéria yavuze aho yabazwa n’abamennyeshamakuru bitororokanirizo ry’abafaransa AFP.

Urupfu rw’abantu 13 rwamaze kwemezwa n’ubushikianganji bujejwe ivy’indege muri Nigéria, 6 nabo bakomeretse bikomeye mu gihe umwe bataramenya irengero ryiwe. Ababonye iryo sanganya, babonye n’ibiziga vyatwawe mu buruhukiro, bavuga ko iyo ndege yarireruye Olusegun Aganga , uwahoze ari buramatari w’intara ya Ondo, yaheruka kwitabimana kw’igenekerezo rya 13 Nyakanga 2013. Bavugako kandi ko barikumwe n’umuryango wiwe wose.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.