Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu 6 b’abatunzi rurangiranwa kubera ubukozi bw’ikibi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abantu 6 b’abatunzi rurangiranwa kubera ubukozi bw’ikibi

Abantu 6 b’abatunzi rurangiranwa kubera ubukozi bw’ikibi

vendredi 1er Ruhuhuma 2013

Bavuga ko atanyungu yo kwica,ariko muri kahise k’isi hari abagizi ba nabi benshi baronse amafaranga atagira igitigiri muri uyo mwuga ugayitse.Ariko rero uwatoranye uwo mwuga yame yibuka ko ashobora guhereza mw’ibohero canke nawe nyene akicwa.Ariko winjiye mu rudandazwa rw’ibiyayura mutwe,ukaba umubeshi karuhariwe,canke ugakorana n’utugwi tw’abagizi ba nabi ushobora kuronka amafaranga menshi cane ariko arimwo umuvumo.

Nk’uko ikinyamakuru 7sur7 kibivuga, ng’izi inkozi z’ikibi karuhariwe muri kahise k’isi:

1.Pablo Escobar: Amamiliyaridi 30 y’amadorari

Uwuza kw’isonga ry’izo nkozi z’ikibi,ni uwabaye uwa mbere atunze cane .Uwo nawe akaba azwi kw’izina rya Pablo Escobar.Mu myaka ya 70,yararongoye umugwi uzwi cane w’abadandaza urumogi mu gihugu ca Colombia,uwo mugwi nawo ukaba ariwo wakwiragiza ibice 80% vya cocaïne .uwo mugwi ukaba wabaye uwa mbere ukomeye muri urwo rudandazwa muri kahise k’isi.

Muri iyo myaka rero Escador yaharurwa mu batunzi indwi bambere kw’isi.Ariko naho igice kinini c’amafaranga yiwe yayakoresha mu bikorwa vyo gufasha imbabare,ntiyashoboye gukiza ubuzima bwiwe kuko itariki 2 ,Kigarama umwaka w’1993, Escobar yarishwe ,mugihe bariko bagerageza kumufata.

2.Amado Carriollo Fuentes: Imiliyaridi 25 z’amadorari

Uyo mugabo nawe nyene yerekana ko uwudandaza ibiyayura mutwe ashobora kuba umutunzi karuhariwe muri Amerika yo mu bumanuko.Yari umukuru w’amashirahamwe adandaza ibiyayura mutwe muri Mexique.Yari azi kwicungera muvyo akora vyose.Ngo akaba yaranadandaza mu kinyegero cocaïne muri Leta zunze ubumwe za Amerika incuro zishika kuri zine,ivyo ngo akaba yabikuyemwo amafaranga atari make.
Fuentes ntiyigeze afatwa ariko ngo yapfuye bariko baramubaga,aho rero ngo yarondera ko bomuhindura ukundi kugirango yiyoberanye.

3.Leona Helmsley: Imiliyaridi zibiri z’amadorari

Muri kahise k’isi abakenyezi b’abatunzi karuhariwe ngo bari bake ariko Helmslry yarabaye mu mugwi wa barurangiranwa mu butunzi.Ariko naho biri uko, ubwo butunzi ngo ntibwari bumukwiriye,akazi kiwe kari ako gushona impuzu ,mu nyuma agirigwa amahigwe yogukora mw’igorofa Harry Helmesley, iyo nayo ikaba yari yinjiza amafaranga menshi cane.

Inyuma yaho ngo yarakoze muri Helmsley Palace Hotel,ariko ngo ivyahabera ntivyari vyeranda cane kuko mu mwaka w’1988,yahavuye ategekwa gutanga ihadabu y’imiliyoni indwi ,yagirizwa kunyuruza no gusesagura amatungo.

4.Bernard Madoff : Imiliyoni 820 z’amadorari

Bernie Madoff ngo niwe aheruka kuronka amahera menshi muri urwo rutonde rw’abagizi ba nabi. Nawe akaba yinjiza amahera menshi hamwe n’abo bakorana uwo mwuga mubi. Mu 2008 akaba yarahagaritswe acirirwa urubanza rwo gufungwa imyaka 150.Aho afungiwe rero ngo akaba atorohewe kuko abanyororo bagenzi we baguma bamuhohotera.

5. Dennis Kozlowski: Imiliyoni 600 z’amadorari

Kozlowski akaba yari umunyamabanga mpuza bikorwa mw’ishirahambwe riraba umutekano Tyco International, ariko akaba yiha umushahara munini ndetse akarenza ko n’ayandi mafaranga.Vyaciye bigaragara ko afata ubutunzi bw’ishirahamwe nk’uko ari ubwiwe.Ntiyigera abona ko hari ikibi co kugura nk’inzu y’imiliyoni 19canke 20.
Uwo mugabo yararishe n’umuririnvyi Jimmy Buffet imiliyoni 2 ku giteramo wenyene yari yitunganirije.Ivyo rero ngo akaba yabikoze gushika mu mwaka w’2005 imbere y’uko iyo ngorane imenyekana,hanyuma Kozliwski agahanishwa umunyororo
w’imyaka 25.

6. Al Capone: Imiliyoni 100 z’amadorari

Umwe mu basuma karuhariwe,muri kahise k’isi ni Al Capone. Nawe yaronka amafaranga kubera ama casino adaciye mu mategeko ,ubusuma,kudandaza umubiri hamwe no kudandaza ibiyayuramutwe.Ivyo bikorwa akaba yabikuramwo amafaranga agera ku bihumbi 100 vy’amadorari ku ndwi.Mu nyuma yarapfunzwe ariko kubera amagara yiwe atari yifashe neza bahavuye bamurekura kugira aje kwivuza.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.