Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Arabiya Saudite: Abantu bane barafashwe bagirizwa igitero c’i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Arabiya Saudite: Abantu bane barafashwe bagirizwa igitero c’i (...)

Arabiya Saudite: Abantu bane barafashwe bagirizwa igitero c’i Arusha

mardi 7 Rusama 2013

Abantu bagera ku munani harimwo bane baturuka mu gihugu ca Arabiya Saudite barafashwe kubera uruhara bashobora kuba baragize mu gitero cahitanye abantu babiri mu gisagara ca Arusha kiri mu buraruko bwa Tanzania, kuri uyu wa mungu, nk’uko bivugwa n’igipolisi.

Umukuru w’igihugu ca Tanzania Jakaya Kikwete yarateye ivyatsi ico gitero avuga ko ari igikorwa c’iterabwoba.
Nta mugwi uriyitirira ico gitero cakomerekeyemwo abantu.

Ibitero vy’intagondwa zitwaje amadini ntibikunze kuba nko mu bihugu bibanyi vya Kenya na Somalia.

Mu mwaka w’1998, ivyo bihugu vyompi vyaratewe hapfa abantu barenga 200.
Ariko imishamirano n’intureka zifatiye ku madini vyagumye vyiyongera muri Tanzania kuva mu mwaka uheze.

Mu kwezi kwa kabiri umupatiri wa katolika yarishwe mw’idini mu gihugu ca Zanzibar kirwiriyemwo aba Islam.

Mu mwaka uheze, umwigisha wa Islam Sheikh Ponda Issa Ponda yarafashwe yagirizwa guturira amasengero inyuma y’aho hakwiragirijwe igihuha ko hari umwana w’umuhungu yasovye ku gitabu c’ikorowani.

Nta biharuro bihari muri Tanzania vy’ingene abantu bakukira amadini ku buryo atawuzi abari benshi hagati y’aba Kristu n’aba Islam.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.