Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu bashika 14 bapfiriye mu giteramo co kwibuka King Kester (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abantu bashika 14 bapfiriye mu giteramo co kwibuka King Kester (...)

Abantu bashika 14 bapfiriye mu giteramo co kwibuka King Kester Emeneya

samedi 26 Ndamukiza 2014

Abantu bagera kuri 14 barapfiriye mu misunikano yabaye mw’isabukuru ryo kwibuka muririmvyi King Ester Emeneya. Ivyo vyabereye mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi, ahitwa Kikwit mu ntara ya Bandundu.

Camille Sesep, icegera c’umuvugizi w’ubutegetsi bw’intara ya Bandundu, amenyesha ko abantu bashika kuri 14 bapfiriye aho nyene, abangana 8 n’abo barakoreka. Muri abo bapfuye, hari abajejwe umutekano 2, intazangabo imwe. Ivyo vyabaye mw’ijoro ry’igenekerezo rya 24 rishira irya 25, mu giteramo c’isabukuru yari yateguwe yo kwibuka umuririmvyi Jean-Baptiste Emeneya Mubiala yarazwi kw’izina rya King Kester Emeneya. Uwo yitavye Imana kw’igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2014 mu gihugu c’Ubufaransa yaririmba mu murwi witwa Africando.

Isabukuru ryo kwibuka uwo muririmvyi amaze imisi 40 ryaciye rihagarikwa kugira hakorwe amatohoza y’icatumye haba imisunikano nk’iyo. Abajejwe intwaro bo muri ako karere ejo baciye baja mu bitaro vy’i Kukwit kugarukira ku ndembe ziri kwa muganga, bongera basaba ko ababuze irengero ry’ababo bobishikiriza ubutegetsi.

JPEG - 154.7 ko
Abaririmvyi bariko bibuka Jean-Baptiste Emeneya batazira king Kester

Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.